Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umushintahe Pierre claver Mbonimpa asanzwe arongoye imbere y’amategeko  ishorahamwe APRODH ry’ihaye intumbero yo guharanira agateka kazina muntu hamwe n’akabanyororo  mu Burundi yaneguye cane ingingo yo kurekura abanyororo ibihumbi 2000 ,iheruka gufatwa n’umukuru w’igihugu .

Nkuko vyatangajwe na Pierre Claver Mbonimpa ,ahari mugihugu c’uBubirigi yamenyesheje ko ivyakozwe n’umukuru w’igihugu biri mumugambi wiwe wo guhuma amaso amakungu ,ndetse anashimangira ko naho vyavuzwe ko abanyororo ibihumbi bibiri (2000)bigiye  bagiye kurekurwa ko atanabashika amajanatanu bazorekurwa.

Umviriza mu majwi bwa Pierre Claver Mbonimpa ngaha musi

Tubibutse ko Pierre Claver Mbonimpa ubu abarizwa mu buhungiro mugihugu c’uBubirigi ,akaba yavuye mu Burundi inyuma yo gushaka kugandagurwa araswe urusasu rwo mu mutwe ariko Imana irakinga ararusimbuka.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply