Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umushingantahe Pierre Claver Mbonimpa asanzwe arongoye ishirahamwe ADRODH  ry’ihaye intumbero yo guharanira agateka kazina muntu hamwe n’akabanyororo  yasaizwe mubashingantahe hamwe n’abakenyezi 18 bo k’umugabane wa Africa muntumbero yo guhitamwo umuntu yabaye intwari mumwaka wa 2015 tugira dusezere.

Nkuko vyama bikorwa n’ikinyamakuru JeuneAfrique  kiri mubikundwa cane kumugabane wa Africa ku mwaka ku mwaka,ico kinyamakuru  congeye kugena abantu 18 muruyu mwaka wa 2015 muntumbero zo kuraba ,umuntu yabaye intwari kumugabane wa Africa hifashishijwe amajwi y’abantu basanzwe bakurikira ico kimenyesha makuru.

Nkuko vyasizwe ahabona n’ico kinyamakuru ,mubantu bashika 18 basizwe ahabona,16 muribo n’abashingantane mugihe kuruhande rwabakenyezi canke abigeme abashoboye kuza mururwo rutonde  bashika kuri babiri(2) gusa.

Aba 18bashoboye gutorwa bakaba bagizwe na: Yemi Alade,Dj Arafat,Pierre Emerick Aubameyang,Nabil Ayouch,Muhammadu Buhari,Tony Elumelu,Filimbi,Habiba Ghribi,Roch March Christian Kabore,Hedi Kaddour,Michel Kafondo,Moise Katumbi ,Pierre Claver Mbonimpa,Denus Mukwege,Seyni Nafo,Hifikepunye Pohamba,LeQuartet Tunisien ,Boualem Sansal

Uru rutonde rukaba rugizwe n’abantu bagenda bari muvyicaro bitandukanye aho usangamwo abakinyi b’umupira w’amaguru ,abaririmvyi,abakuru bibihugu n’abandi bagiye bakora ibintu bitandukanye kumugabane wa Africa.

Mugihe ayo matora amaze igihe c’imisi irenga ibiri gusa atanguye ubu uwuza kw’isonga n’umushingantahe bwana Pierre Claver Mbonimpa,aho amaze gushikana amanota arenga 55%,akaba akurikirwa na Moise Katumbi uwusanzwe arongoye umurwi w’umupira wamaguru TP Mazembe uheruka gutwara igikombe c’imirwi iserukira ibihugu vyayo muri Africa (champion league d’Afrique)

Aya matora  akaba abandanya ukuri kwamye ,naho kuwusahaka gutora Mbonimpa Pierre Claver nkumuntu yabawe Intwari muri 2015 ashobora kuja kururwo rubuga rwa JeuneAfrique ugahitamwo.

Tubibutse ko iki kinyamakuru nyene arico cari cagize umukenyezi Maggy Barankitse nkumukenyezi w’intwari w’umwaka wa 2013 aho yariko arahiganwa n’abantu barenga 20.

 

 


Categories: Amakuru, Mumakungu

Leave a Reply