Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Uwahoze ari umukuru w’igihugu c’uBurundi kuva mumwaka wa 1987 gushika muri 1993 ndetse no kuva nuri 1996 gushika muri 2003,yavuye mugacerere nawe agira ico ashikirije kubiriko birabera kuBurundi.

Ariko arabazwa na Christophe Boisbouvier umumenyesha makuru w’iradiyo  y’abafaransa  ,bwana Buyoya Pierre yashikirije amakenga afise kubiriko birabera mu Burundi kuva mumezi 8 dusize inyuma.

Nkuko uwo yahoze ari umukuru w’igihugu yabimenyesheje yamenyesheje ko ibiriko biraba mu Burundi ari akamaramaza ,ko igihugu c’uBurundi kigeze aho uwariwe wese yohaguruka akavuga.

Pierre Buyoya yongeye gushikiriza ko naho ikibazo c’amako twaru dasa nababirenganye ,ubu uBurundi busa naho bwamaze gusubira inyuma ndetse bisa naho dusubiye kure cane kandi twari tumaze gutera intabwe ibereye mubijanye nico kibazo.

Umviriza ngaha hasi amajwi ya Pierre Buyoya aho hejuru


Categories: Muhira

2 Responses so far.

  1. Mwarabu says:

    Buyoya ntacigwa afise yoha abandi:
    1. muri 1988 Ntega Marangara yishe abahutu 50.000
    2.Muri 1993 Yishe ndadaye aca amukurikizako abantu 300.000
    3. Muri 1995 yagomoye aba SANS ECHEC, SOGEDEM, AMASEKANYA, SANS DEFETE, AFOSAND, FJP Baturira abantu namapine barakbura igisagara cose gisigara atamuhutu akirangwamwo hapfuye 10.000
    4. buyoya niwe yashinze amakambi de type NAZI aho abahutu bahonera. hapfuye 12000
    5. Muri 1996 buyoya yatsemvye abantu bose bari mwisoko KIVYUKA bubanza hapfuye 3400
    6. Muri 2003 Buyoya yategetse ko bokwica abanyagihugu bari bahungiye mumihana ITABA hapfuye 25000.
    None uwo niwe buyoya nyene tuzi afise ivyo anegura kubandi?
    5.

  2. nzeyimana says:

    izo kambi nubu ruracafise ibukomere vyaho twahhotewe ubuzima tukabaho twandukanijwe navyeyi bajanywe kwicwa.ubutungane mpuza makungu ni bumucire urubanza

Leave a Reply