Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe Paul Kagame umukuru w’igihugu kibanyi c’uRwanda yahora akunda kwishira mu majwi cane agaya abategetsi bu Burundi akongera akagaya uburyo basanzwe barongora igihugu c’uBurundi ,kuncuro yambere Paul Kagame yemeje ko ikibazo c’ibibera mu Burundi bitamuraje ishinga nagato ndetse ko  atanumwanya bakwiye kubitako nkabanyarwanda.

Mugihe uRwanda rwari rusanzwe rwibuka   imyaka 22 iheze habaye ihonyabwoko mu Rwanda ryahitanye abantu barenga ibihumbi 800 ,Paul Kagame yagarutse ku kibazo c’uBurundi asaba abanyarwanda kutongera kwitaho ikibazo c’uBurundi ndetse ko batosubira guta umwanya kukibazo c’uBurundi kuko ikibazo c’uBurundi aricabarundi ubwabo .

Abazwa kukibazo c’igihugu c’uBurundi ko coba kiriko kirafasha congera gikona n’abasize bakoze ihonyabwoko mu Rwanda (interahamwe)kugira bongere baje gutera ibitero mu Rwanda mu ntumbero yo guhungabanya umutekano mu Rwanda ,Paul Kagame yagite ati”Nzanumva mu baturanyi hari abaribwaribwa bashaka gufasha interahamwe kugira batere uRwanda ,icampa babigire vuba ,nkwereke uko ..,gose ndaribwaribwa ,mpora ntegereje…ariko bamwe bashaka no kubikora bazi ko bitazobahira ,ngira ngo ninaco kibatatinza……….”

Umviriza amajwi yose  Paul Kagame ngaho musi

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Mumakungu

Leave a Reply