Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Murugendo arimwo umwungere wa Ekeleziya  Katorika ,Papa Francis yamaze gushika mugihugu ca Kenya yakiranwa akamwemwe kenshi .

Uru rugendo Papa Francis yatanguye kuruyu wa gatatu ,yarutanguriye mugihugu ca Kenya ariko akaba azoca mubindi bihugu vyo kumugabane wa Africa aho azoca nko muri Uganda hamwe no mugihugu ca Centre Afrique.

Papa Francis ashika mugihugu ca Kenya yakiriwe n’isinzi ry’abantu bari mumadini yose ndetse anahabwa ikaze n’umukuru w’igihugu ca Kenya bwana Uhuru Kenyatta.

Abanyagihugu bo murico gihugu berekanye urukundo bafitiye Papa Francis baza kumutegera ari benshi ndetse abenshi vyanaboneka kumaso kwakamwemwe kabasya.

Uru rugendo akaba arirwo rwambere Papa Francis akoreye mubihugu vya Africa kuva yahabwa amabanga yo kuba umushumba mukuru wa Ekeleziya Katorika .

Raba hasi mumafoto uko vyari vyifashe

12291715_1176194879075730_2355792210911038566_o 12265566_1176212932407258_4697046452725321664_o 905754_1176194969075721_7628231908255415191_o 12265758_1176195512409000_8323891445956403269_o 12307929_1176195942408957_6907347762988498579_o


Categories: Muhira

One Response so far.

  1. simeon says:

    uwo mukandidant yokwerekana iciza cavyo Hama niyatsinda azoce ashira mubutungane ababakuye k ubutegetsi bakongera bakabica.NB na USA irabifisemwo uruhara.

Leave a Reply