Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

  • Ihinguriro ry’ibinyobwa mu Burundi  BRARUDI (Brasseries et Limonaderies du Burundi) ryasohoye ikinyobwa gishasha kizoba gihinguwe mu Bitoke . “Nyongera Akiwacu” nico kinyobwa gishasha  casohowe kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 kigarama 2016 mu Ntara ya gitega n’ishirahamwe rihinguriro ibinyobwa mu Burundi ariryo BRARUDI (Brasseries et Limonaderies du Burundi) . Nkuko vyatangajwe n’umukuru wa BRARUDI bwana […]

  • Inyuma  yaho Benjamin William Mkapa ,umuhuza mu matati y’uBurundi ,amenyeshereje ko abasanzwe bagirizwa ubwicanyi badakwiye kuja mu biganiro bihuza abarundi,bamwe mubanyepolitke harimwo n’abakozi b’Imana baserukira amashengero babandanya kwiyamiriza ico ciyumviro ca William Mkapa. Kuruhande rwabaramutswa amashengero ,uwatanguye kwiyamiriza kumugaragaro iciyumviro ca Benjamin Mkapa ni Mgr Simon NTAMWANA,asanzwe asanzwe arongoye intara ya Gitega mw’shengero Katorika. Kubwa Mgr Simon […]

  • Kuva  aho Melchior Ndadaye ,incungu ya Democratie akaba n’umukuru w’igihugu wambere yaratowe n’abarundi agandaguriwe ,abavyeyi biwe ntibigeze bibukwa na gato  n’abari mu mugabwe Melchior Ndadaye yavamwo  ndetse  n’ubuzima bwabo bukaba bwabandanije buba bubi cane naho uyu mugabwe wasinzwe ushinzwe ukanakomezwa na Melchior Ndadaye wagumye mu Butegetsi kuva mu mwaka wa 1993 . Sahwanya FRODEBU yasinzwe […]

  • Murugendo rw’imisi itatu umuhuza mu matati y’aBarundi amaze mu gisagara ca Bujumbura ,Benjamin William Mkapa yahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzania kuva mu mwaka wa 1995 gushika mu mwaka wa 2005,  yakuriye inkoni kugishitsi abasanzwe batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Pierre Nkurunzuza . Mukiganiro yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 09 kigarama 2016, […]

  • Umuririmvyi Yoya Jamal ubu abarizwa kumugabane w’iburayi yasize hanze akaririmbo kiwe gashasha gafise ubutumwa bunyuranye n’ivyo yarasanzwe aririmba. Naho Benshi bari bamenyereye kumva  Yoya Jamal aririmba indirimbo zijanye n’urukundo ,canke ubuzima bw’isi ,Yoya Jamal yasohoye ubwambere indirimbo ivuga kubijanye n’ inzoga hamwe nakaboregwe . Iyi ndirimbo ya Yoya Jamal yasize hanze n’indirimbo yamweho kuva kera ariko akaba […]

  • Inyuma yoho Willy Nyamitwe  umuhanuzi mukuru muvyo gutangaza amakuru mu bureau vy’umukuru ‘igihugu ategewe   umutego n’abitwaje ibigwanisho ariko akarusimba,benshi mu banyepolitike na cane cane abasanzwe bari mu kwaha k’ubutegetsi babandanya bagira ico bashikirije ndetse bamwe bakagenda bagira imigwi bagenda begekako ico gitero. Kubwa Jcques Bigirimana asanzwe arongoye umugabwe FNL ,wemewe imbere y’amategeko yatunze urutoke […]

  • Inyuma y’igitero  cahatswe kuzimanganya ubuzima bwa Willy Nyamitwe asanzwe ,ari umuhanuzi mukuru mubijanye no kumenyesha amakuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu ,Pierre Nkurikiye ,asanzwe avugira igipolisi c’uBurundi yatanze ikiganiro kubanditsi n’abamenyesha makuru mu ntumbero yo gusigura ibijanye nico gitero hamwe no gushira ahabona aboba  bari inyuma yico gitero . Nkuko umuvugizi w’igipolisi yabishikirije ,bwana Pierre Nkurikiye yamenyesheje […]

  • Indege yaritwaye abakinyi b’umurwi w’umupira w’amaguru  wo mu cicaro cambere wo  mu gihugu ca Bresil ,yagiriye isanganya mu gihugu ca Colombia . Iyi Ndege yariko iraja mu gihugu ca Colombia ,yarimwo abantu bashika kuri 81 hakaba harimwo abakinyi bose bagize umurwi wa Chapecoense wo muri Bresil baherekejwe nabasanzwe babafasha kwimenyereza  hamwe  n’abaganga bakurikirana uwo murwi. Umurwi wa Chapecoense wariko […]

  • Inyuma yo kugarukira  ku munwa  w’urupfu,arashwe n’umurwi witwaje ibigwanisho ,mugihe yaratashe muhira iwiwe mu Quartier ya Kajaga,Willy Nyamitwe yavuye mugacerere  yemeza kwataco yabaye ariko amenyesha ko yababajwe cane n’umu polisi yarasanzwe amucungera ubuzima yasize ubuzima murico Gitero. Mu majambo ya Willy Nyamtwe yashikirije abicishije kurukuta rwiwe rwa Twitter ,yashimiye abo bose bamufashe mu mugongo ariko […]

  • Willy Nyamitwe, asanzwe ari ,Umuhanuzi mukuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu ,yacucagiweko amasasu n’abantu bitwaje ibigwanisho  mugihe yaratahutse muhira iwiwe. Ibi vyabereye mu gisagara ca Bujumbura,aho Willy nyamitwe yaratashe iwiwe mu Kajaga aho asanzwe aba ariko kuca agwa mu mutego wabantu bitwaje ibigwanisho bakamucucagirako amasasu . uyu yariko araronderwa yaratashe iwe aho sanzwe aba ngaho nyene […]

  • Mugihe Reta y’Uburundi  yaheruka gushiraho umurwi wo   kwiga kwitegeko rishiraho umurwi udasanzwe kugira uhindure ibwirizwa shingiro  rya Repuburika y’Uburundi ,abatavuga rumwe na Reta y’uBurundi batanguye kwiyamiriza iyo ngingo ndetse bongera basaba ababishoboye kwamira hakiri kare amazi atararenga inkombe. Uwaje ubwambere ni Muganga Yohani Minani , umukuru wa CNARED Giriteka(Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha […]

  • Francine Niyonsaba ,umunonotsi rurangiranwa w’umurundikazi  mu kwiruka imetero amajana umunani(800m) kugwego rw’isi yose yambitswe umudari w’iteka nk’umunonotsi wakarorero kandi urundi rwaruka rukwiye kurabirako akarorero keza. Umudari witeka yawambwitse n’umukuru w’igihugu ,kuruyu wa kane igenekerezo rya 25 munyonyo kuri stade yitiriwe “Urunani”iri muri komine Buganda mu Ntara ya Cibitoke. Francine Niyonsaba akaba yabwitse uyu mudari n’umukuru w’igihugu c’uBurundi […]

  • Abanyarwa 3 harimwo abagabo babiri (2)hamwe n’umukenyezi umwe afise umwana akiri muto cane w’amezi umunani ,bankiwe guhonyoza ikirenge kubutaka bw’uRwanda ,bazira kuba bari mu mugabwe urwanya ubutegetsi bwa Kagame. Aba bankiwe gushika mu gihugu cabo nabayoboke b’umugabwe ” Ishema” utavuga rumwe na Reta y’uRwanda bari barongowe na  Padiri  Thomas Nahimana Umunyamabanga Mukuru wuwo mumugabwe “Ishema”umwe mu […]

  • Yohani Minani ,Umukuru w’urunani CNARED Giriteka (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.)yashikirije amajambo atangaje ku kibazo cerekeye umuhuza  mushasha w’abarundi  aheruka kugenwa. Muganga Yohani Minani ,asanzwe aserukira uruanani CNARED Giriteka  ,yamenyesheje ko adashigikiye na gato igenwa rw’umushingamateka Edouard Nduwimana […]

  • Pacifique Ninanahazwe umwe mubasanzwe badaharanira inyungu za Politike mu Burundi akaba numwe mubarwanije ikiringo ca gagatu c’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka wa 2015 ,yagize ico ashikirije inyuma yitorwa ry’umushingamateka Edouard Nduwimana nk’umuhuza wabarundi. Abicishije kurubuga ngurukana bumenyi bwiwe bwa Twitter ,Pacifique Nininahazwe akaba yashikirije amajambo adasanzwe aho yamenyesheje ko gutora Edouard Nduwimana nk’umuhuza wa’abarundi ari […]

  • Kuruyu wagatatu ,igenekerezo rya 23 munyonyo 2016,mu Ntara ya Makamba ibarizwa mu bumanuko bw’igihugu igiposi c’uBurundi cazindutse gifata ibikoresho vya gisirikare . Nkuko vyatangajwe n’inzego z’igipolisi  zo mu Ntara ya Makamba  zemeje ayo makuru ko zazazindutse zisaka ibirwanisho mu bice vya Mabanda hamwe na Kibago bigize iyo ntara . Igipolisi kikaba cahavuye cerekana bimwe mubirwanisho cafatiye murico gikorwa,aho cerekanye […]

  • Mugacamugani kiwe ,Pierre Nkurunziza ,umukuru w’igihugu c’uBurundi yashimikiye kuri Bakame hamwe n’igikoko kinini kiba mumazi ,imvubu. Mugihe yariko araca ako gacamugani ,Pierre Nkurunziza yasanze yihenze ahari kuja ijambo Bakame ahashira ijambo kagame. Umviriza mu majwi umukuru w’igihugu c’uBurundi, Petero Nkurunziza ngaho musi . Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

  • Inyuma yaho igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika kiburije abanyagihugu baco kudasubira kugira ingendo mu Burundi hamwe no kugendera mu duce tumwe tumwe mu gisagara ca Bujummbura,igihugu ca Canada naco cabujije abanyagihugu bacu gusubira guhonyoza ikirenge mu Burundi. Mu Rwandiko basize kurubuga rwabo ,travel.gc.ca  ,rusanzwe rumenyesha aho abanyagihugu bico gihugu bategerezwa kwirinda kubera umutekano […]

  • Kenshi abantu bakunda kwibaza k’urukundo rutakibaho ndetse haba mu bigeme canke abahungu  kwat’urukundo rukibarangwamwo , ahubwo ko ,umwe wese akunda afise ico agimje canke ico ariko ararondera kuri mugenziwe. Ariko naho biruko hari muvyukuri abantu bafise urukundo bakunda batagendeye kuco umuntu ari canke icafise canke ingene afatwa mukibano canke uko afatwa n’abagenzi bawe. Ibi naho […]

  • Umushingamateka ,Edouard NDUWIMANA  yatowe mu Ntara ya kayanza mu mugabwe CNDD FDD ,akongera akaba icegera ca kabiri c’inama shingamateka niwe yagenwe gusubirira  sheikh Mohamed RUKARA mukibanza c’umuhuza w’.abarundi  Edouard NDUWIMANA yemejwe n’abashingamateka ku majwi ashika kuri 91,3%. Abashingamateka b’uBurundi bakaba bemeje izina rya Edouard NDUWIMANA ku majwi 91,3 kw’ijana. Edouard NDUWIMANA akaba yariko arahiganirwa ico […]

Pub

Pub

Pub

Latest Articles

Ishami rya BBC Gahuzamiryango risanzwe rishikiriza amakuru yo mukarere k’ibiyaga binini ,ririko rirarondera umukozi ashobora kuvuga kandi akaba anazi kwandika neza ururimi rw’ikirundi canke ururimi rw’ikinyarwanda. Uwo mukozi BBC Gahuzamiryango iriko irarondera azoba ajejwe gukora mu vyerekeye amasanamu (Video). BBC gahuza miryango ikaba yatangaje ko uwozoronka ako kazi azoca aja gukorera mu gisagara ca Londres kiri mu gihugu c’uBwongereza(England) BBC gahuza miryango ikaba yongeye kwibutsa ko uwushaka aka kazi ategerezwa kuba anazi ururimi rw’icongereza kugira […]

Abaganga badasanzwe bo kubitaro vya  Xi’an bihereye mu ntara ya Shaanxi iri muburaruko bushira uburengero bw’igihugu  c’ubushinwa ,bakoze igikorwa kidasanzwe aho bafashije umugabo yarasanzwe afise amatwi atacumva kumva kandi babanze gukora igikorwa kidasanzwe co kumushira ugutwi ku kuboko. Nkuko ikinyamakuru co mu bushinwa cabibenyesheje uwari yacitse ugutwi yamenyekanye nka  Ji chang ,aho yaheruka gutakaza ugutwi bivuye mw’isanganya ry’imodoka  yaheruka kugira. Iki gikorwa rero co gutera ugutwi ku kuboko kukabandanya gukora gisa nicatangaje abantu benshi […]

Mu nkino zo kurondera uburenganzira bwo kuja gukina inkino zanyuma z’igikombe c’isi kizobera mu gihugu ca Russia ,umurwi nserukira gihugu wa Bresil wakosoye bimwe bikomeye umurwi wa Argentine wa Lionel Messi . Ku kibuga ca Estadio governador pinto,umurwi wa Bresil uri imbere yabakunzi bawo ,unabifashwijwemwo nabakinyi babo nka Neymar asanzwe akinira Fc Barcelona hamwe na Coutinho asanzwe akinira Liverpool ,batsitse umurwi wa Argentine wa Lionel Messi  ibitsindo 3 vyose kuri 0 […]

Olivier Nduhungirehe  umuserukizi (Ambassadeur )w’igihugu  c’uRwanda mu gihugu c’ububirigi (Belgique) yihagazeko amenyesha kw’amajambo asa n’ibitutsi yabwiye   umukuru w’igihugu mushasha wa Retza Zunze ubumwe za Amerika  ,Donald Trump  ,atakibazo amuteye na gito. Aya majambo Olivier Nduhungirehe yayabwiye Donald Trump mu kwezi kwa rusama igenekerezo rya 22  ,2016 mugihe Donald Trump yarakiri mu myiyamamazo yo kuba umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika. Amajambo Olivier Nduhungirehe yabwiye Donald Trump tugerageje kuyashira mu […]

Raba amasanamu mashasha y’indirimbo MAKWEREKWERE ya Lolilo aheruka gushira hanze .   . Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Inyuma y’imisi 12 apfungiwe mu biro vy’iperereza biri mu gisagara ca Bujumbura ,OPC2 Desire Uwamahoro yahora arongoye igipolisi kijejwe kurwanya imigumuko kizwi nka (BAE : Brigade Anti-Emeute)yashikanwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba riri mugisagara ca Bujumbuura muri Komine ya umusaga, Desire Uwamahoro akaba yashikanwe mwibohero kuruyu wa kane igenekerezo rya 10/11/2016. Kuja rero mumunyororo kwa Desire uwamahoro bisa nicigwa kidasanzwe kuko uyu mugabo benshi bari basigaye bita RAMBO mugisagara ca Bujumbura […]

Rwasa Agathon umukuru w’umugabwe Fnl utemewe n’amategeko mu Burundi ariko akaba umwe mubaza imbere mubarwanya ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza ,yabaye uwambere mubarwanya ubutegetsi bwa Nkurunziza akeza  Donald Trump yegukanye amatora muri Reta zunze ubumwe za Amerika. Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu kuri Facebook bikworoheye . . Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Mu gihe umukuru w’igihugu wa Russia yakira abaserukizi b’ibihugu bishika kuri 19 mu ntumbero yo gukomeza imigenderanire nivyo bihugu  n’igihugu asanzwe atwara,Vladimir Putin yagize ico atangaza ku Burundi na cane cane kubijanye n’imigambi y’iterambere igihugu ciwe gishaka kuza gukorera mu Burundi. Mw’ijambo yashikirje mu rurimi rw’ikirusiya ,bwana Vladimir Putin yamenyesheje ko imigenderanire y’uBurundi n’igihugu ca Russia yamye ari myiza kuva kera . Vladimir Putin yabandanije amenyesha ko ibi bihugu vyose […]

Inyuma yamatora y’umukuru w’igihugu muri Reta Zunze ubumwe za Amerika ,umukuru w’ico gihugu bwana Barack Obama yasohoye urwandiko ruraba uBurundi ndetse anamenyesha ko uBurundi butegerezwa kuguma burabigwa hafi kubera amahoro n’umutekano hamwe n’ubwicanyi bitarahera mu gihugu. Mu Rwandiko rwa Barack Obama yasohoye kuruyu wa gatatu igenekerezo ry’icenda munyonyo 2016 harimwo ubutumwa bukurikira. CONTINUATION DE L’URGENCE NATIONALE EN CE QUI CONCERNE LE BURUNDI Le 22 novembre 2015, par l’Ordonnance 13712, j’ai […]

Pacifique Ninahazwe , umukuru w’ishirahamwe  FOCODE riheruka gufutwa kubutaka bw’uBurundi akaba n’umwe mu bantu badasanzwe biyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ,yongeye kwemeza ko ihonyabwoko atari agaseseswa rumuri mu Burundi ndetse agirako asaba amahanga kuhagabira. Mukiganiro yagiranye n’umumenyesha makuru w’insamirizi yo mubudagi yitwa Deutsche Welle,Pacifique ninanahazwe yongeye kwemeza ko ihonyabwoko mu Burundi rishobora kuba umwanya numwanya mugihe amahanga atozitira hakiri kare. Pacifique Ninahazwe yongeye kumenyesha kandi ko naho uBurundi bwatanza urwandiko […]

Umukuru w’igihugu c’uBurundi ,Pierre Nkurunziza niwe yabaye umukuru w’igihugu wambere yipfurije intsinzi mugenziwe bwana Donald Trump ahejeje gutsinda amatora y’umukuru w’igihugu muri Reta zunze ubumwe za Amerika . Donald Trump atsinze aya matora arushije mukeba wiwe Hillary Clinton bariko barahiganwa ndetse intsinzi yuyu mugabo ikaba ibaye nkaho yatangaje isi yose muri rusangi kuko abantu benshi bataziga ko Donald Trump ashobora gutahukana intsinzi. Kuba Petero Nkurunziza ariwe abaye uwambere yipfuriza intsinzi […]

Mu gihe muri Reta zunze ubumwe za Amerika habandanya haba amatora y’umukuru w’igihugu ,Donald Trump va mu mugambwe waba Republic asa nuwamaze gutsinda aya matora kuko biboneka neza kwarusha mugenziwe bariko barahiganwa ava mu mugabwe waba Democrate ariwe Hillary Clinton. Mubiharuro bimaze kwegeranwa no gushigwa ahabona ,mu ntara zigize 50 za Reta zunze ubumwe za Amerika ,hamaze kuja ahabona ibiharuro vy’intara 41 ivyo navyo bikaba vyerekana neza ko Donald Trump ariwe aza […]

Hillary Clinton ngwavugana n’imizimu harimwo na Gandhi ,nimba wumva icongereza raba Video Raba Video ngaho musi . Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Igihugu ca Chine ni kimwe mu bihugu kw’isi vyasize imbere ubucuruzi bwo gusohora ibintu bija kugurishwa hanze y’igihugu cabo kugira ubutunzi bwabo n’ikigega c’igihugu cabo kigume kimeze neza atankomanzi,gusa kugira ibi babishikeko sikintu coroshe kuko usanga iki gihugu kiriko kiragwanira isoko n’ibindi bihugu kw’isi nka Inde n’ibindi bibarizwa kumugabane wa Asia. Mw’ihangiro y’iki gihugu kizwi nkigifise abantu benshi kw’isi ,abanyagihugu baco bategerezwa gukora ibishoka vyose kugira  abanyagihugu babo baronke ivyo  bakoresha […]

NATO (North Atlantic Treaty Organization)umuryango ugizwe n’ibihugu vyo kumugabane wa Amerika hamwe n’ibihugu vyo kumgabane wa Buraya barungitse abasirikare bangana n’ibihumbi 31.000 kubihugu vyegereye igihugu bafata nk’umwansi wabo wambere  Russia mu ntumbero yo gucungera hafi abasirikare bico gihugu biherutse kuvugwa ko bariko barakora imyimenyerezo idasanzwe yagisirikare bitegurira intambara yagatatu y’isi yose. NATO yarungitse aba basirikare inyuma yaho igihugu ca Russia naco gitanguriye imyimenyerezo yaco ya gisirikare idasanzwe izwi nka Anaconda manoeuvres. Ibi bihumbi vyabasirikare vyarungitse n’ibihugu bitandukanye biri muruwo […]

Maggy Barankitse asanzwe aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe Maison Shalom ,rifasha impfuvyi nabatishoboye , akaba numwe mu Barundi bamaze guhabwa ubushimwe butari buke mpuza makungu kubera ubwitange bwiwe bwo gufasha impfuvyi hamwe n’abatishoboye yongeye kwemeza ko ihonyabwoko ririko riraba mu Burundi. Aganira n’imwe mu maradiyo yo mugihugu ca Swisse ,Maggy Barankitse yamenyesheje ko ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza bubandanya bwica abo batavuga rumwe ndetse bamwe bagatabwa muri Acide abandi mu nzuzi . Ashikiriza aya […]

Umurundi azwi kw’izina rya  Joe-Bryan Ndikuriyo w’imyaka 27 y’amavuko yishe mugenziwe ava mugihugu ca Nigeria amukase izosi bapfuye umwigeme . Ibi vyabaye mumasaha y’ijoro agana samunani z’ijoro (2 am) kuruyu w’Imana  mugihugu ca Canada mu gice ca Ottawa ,aha aba babiri bagwanira mu kabare kari kw’ibarabara ryitiriwe umweranda Saint Laurent( boulevard Saint-Laurent.) Nkuko igipolisi co murico gice  ca Ottawa cabimenyesheje cemeje ko cataye muri yompi Joe-Bryan Ndikuriyo inyuma yo kugandagura mugenziwe […]

Cristiano Ronaldo  ,kizigenza w’umurwi nserukira gihugu wa Portugal akaba n’umusatirizi adasanzwe w’umurwi wa Real Madrid kuva mu mwaka wa 2009 ,yongeye amasezerano afitanye n’umurwi wa Real Madrid gushika mu mwaka wa 2021. Kwongera amasezerano kwa Cristiano Ronaldo y’imyaka 5 mu murwi wa Real Madrid ,vyanatumye umushahara wiwe ubandanya kwiyongera gushika kuma million 32 yamanyaburaya( 32 million EUR),ndetse  bikaba vyaciye bigumiza Cristiano Ronaldo  kw’isonga nk’umukinyi ahebwa amahera menshi kw’isi. Kwongera amasezerano Cristiano Ronaldo y’imyaka itanu […]

Atagihe c’imisi ibiri iheze umugabwe UPD Zigama Ibanga umenyesheje ko usubiye murunani CNARED Giriteka ,umushingamateka Hussein Radjabu bikundwa kuvugwa kwafise uruhara rudasanzwe muruwo mugabwe ndetse kwari mubavuga rikijana naho abarizwa mu Buhungiro ,yashikirije amajambo yatangaje benshi ndetse agirako anamenyesha ko CNARED Giriteka arabansi babo. Ibi yabioze abicishije kurubuga rw’iwe ngurukana bumenyi Facebook nkuko akunda kubikora mugihe aba ashaka gushikiriza ubutumwa butandukanye. Umushingamateka Hussein Radjabu yashikirije aya majambo akurikira: MBEGA ABARONGOYE […]

Benshi baguma bemeza kw’isi igeze mu musi yayo yanyuma,hifashishijwe  ivyanditswe mubitabo vyeranda nka Bibiriya ,abantu benshi baramaze kwemeza ko muri reta zunze ubumwe za Amerika hamaze kuboneka ibimenyetso vyinshi vy’imperuka,iki kiguma kiyagwa sikindi  ni Microchip. Muri Reta zunze ubumwe za America haheruka kwemezwa umugambi wo  gukoresha agakoresho bita  Microchip ,aka  gakoresho kazoja kaja mu bice bimwe bimwe vyo kumubiri w’umuntu nko mu gahanga no mu kiganza  , aka gakoresho ka  microchip ,kazoza gafatwa nkuko ari […]