Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

  •   Inyuma y’inkuru ibandanya ivurwa mu Burundi ko abantu bane mu ndongozi z’umuhari FPB zabo zafatiwe mu gihugu kibanyi ca Tanzania bagaca bajanwa mu Burundi ,umuvugizi w’umuhari FPB bwana Col Adolphe Manirakiza, yemeje ayo makuru ko abantu babo bane bafatiwe mu gihugu ca Tanzania ariko agirako agabisha ico gihugu ngo hamwe cohirahira kigaha abo bantu […]

  • Neymar da Silva Santos Júnior,kizigenza w’umurwi nserukira gihugu wa Bresil akaba n’umusatirizi adakorwako w’umurwi wa PSG (Paris Saint -Germain Fc) yarose ikarata itukura kuva yashika muruwo murwi wa PSG . Murukino rwariko rurahuza umurwi wa Marseille ku kibuga cawo ca Stade Vélodrome ,umurwi wa PSG ntiwashoboye kwitwara neza nkuko warumaze imisi ubikora mw’ihiganwa Ligue 1 ryo […]

  • Nkuko amakuru yemezwa na BOB RUGURIKA hamwe na Anicet Niyonkuru bamwe mu mboneza mu barwanya  ubutegetsi bw’iBujumbura bakaba na bamwe mu bari begereye abo basirikara babairi ,baremeza neza ko aba basoda babiri bo kurwego rwo hejuru aribo  General Ntiranyibagira Jeremie hamwe na Colonel Édouard Nshimirimana bafatiwe mu gihugu kibanyi ca Tanzania . Aya makuru y’ifatwa ryabo […]

  • Ashikiriza ico agona ku nkoho zishika kuri 40 ziheruka gufatirwa mw’ikambi y’impunzi iri mu gihugu ca Tanzania Karori Nditije asanzwe ariwe aramutswa urunanini CNARED Giriteka (Conseil National pour le Respect de l’Accord d’Arusha et la Restauration d’un Etat de droit au Burundi)yashikirije amajambo asa aho dasanzwe aho yariko aravuga umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Mu majambo […]

  • Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kuri Facebook bitakugoye Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

  • Inyuma yo kugandagura umukuru wigihugu yari yatowe n’abanyagihugu mu mwaka wa 1993 ,abasirikare bari bihaye iryo bara ntibagandaguye umukuru w’igihugu gusa ahubwo babandanije guhiga bunyamaswa n’abandi bari mu mugabwe wa SAHWANYA FRODEBU kugira babagandagure . Murabo bagandaguwe harimwo abashingamateka 13  bari mu  mugabwe SAHWANYA FRODEBU ico gihe c’umwaka wa 1993. 1:Umushingamateka KAJIBWAMI POTIEN 2Umushingamateka BIMAZUBUTE […]

  • Kw’igenekerezo rya 17 ruheshi  2016 niho umurundikazi  asanzwe aba iburayi (europe) ku murwa mukuru w’igihugu  ca Espagne  muri Barcelona ,yitora akandika amajambo adasanzwe kurukuta   rwiwe ngurukana bumenyi ,aho ayo majambo yanditse  yababaje abatari bake na cane cane abasanzwe begereye intwaro y’iBujumbura . Mu majambo Kaneza Dianne yanditse kurukuta rwiwe ico gihe yagize ati “KERA BUJA YASA […]

  • Inyuma yaho umukobwa w’umuhanuzi mubijanye no kumenyesha amakuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu bwana Willy Nyamitwe ,agenewe ngo aserukire abarundi baba mu gihugu ca Chine ,yavuye mugacerere agira icavuze kwigenwa ryiwe. Abicishije kurukuta rw’iwe rw’ingurukana bumenyi rya Twitter ,Glynis Carrel Nyamitwe Nishemezwe yagize ico ashikirije aho yamenyesheje ko kugenwa kiwe ngo aserukire abarundi baba mu gihugu […]

  • Ikawa yo mu Burundi isanzwe ikomoka mu buraruko bw’uBurundi ,neza na neza mu Ntara ya Kayanza yanikiye izindi kawa zo kw’isi yose ishobora kuba iyambere igurwa amahera menshi kw’isi yose kubera akanovera kayo. Iri higanwa ryagize ikawa yo mu Burundi iyambere ryari ryatunganizwe na ALLIANCE FOR COFFEE EXCELLENCE OF  BOSTON  ,rikaba ryariko rirabera  muri Reta zunze […]

  • Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu kuri Facebook Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

  • Muri Ireland umugore yamenyekanye nka Morgan Callaghan w’imyaka 43 yamavuko yiyemereye ko yakoze ubugeni n’imbwa y’iwe yarizwi nka Henry mu mwaka wa 2009  ,ndetse yemeza ko bamaranye igihe c’imyaka 8 bibanira n’iyo bwa kandi banakora ibisanzwe vyose bikorwa n’abubatse . Morgan Callaghan nkuko Morgan Callaghan yabisiguye yamenyesheje ko guhitamwo kubana niyo bwa vyavuye kumpamvu zo kubura akazi ndetse […]

  • Belgrade ku murwa mukuru w’igihugu ca Serbia biravurwa ko abakirarugendo (Tourists) babandanya biyongera ku bwinshi murico gisagara mu ntumbero ya kuja gukorana imibonano mpuzabitsina n’ibikoko mu bibanza bisanzwe bizwi nka “animal brothels”aha hakaba hasanzwe haba harimwo ibikoko vyinshi harimwo ,imbwa,impene,intama ,indogobwa n’ibindi. Nkuko bishikirizwa n’ikinyamakuru co mu bwongereza mirror.co.uk ,ngo aba baja kuryamana n’ibi bikoko basanzwe bari mu […]

  • Mu gihe habandanya igenwa ryabatwara canke baserukira abarundi baba mu makungu  kumpannde zose zine zigize isi haba muri Europe ,Asia , Amerika .Ocean tutubagiye na Africa ,Japhet Legentil Ndayishimiye ajejwe ico gikorwa abandanya yerekana abo yagenye ngo baserukire abandi murivyo mu bihugu vyari bisanzwe bidafise ababiserukira. Nkuko vyatangajwe na Japhet Legentil Ndayishimiye asanzwe ajejwe ico gikorwa kuruyu musi […]

  • Mu ntara ya Cibitoke iri mu burengo bushira uburaruko bw’uBurundi ,umugabo yakoze urudandazwa rutari rumenyerewe mu Burundi ,aho yikoze kumugore wiwe amushira kwi soko kugira arabe ko yoronka amahera yo gutunga abana bari basanzwe baravyaranye n’uwo mukenyezi. Iri bara ryabereye kumutumba wa  Nyarurinzi muri  zone ya Buhayira ,ikomine ya Murwi mu Ntara ya  Cibitoke . […]

  • Umukozi w’Imana wo mugihugu ca Zimbabwe yafashe Telephone yiwe ahamagara mw’ijuru avugana n’IMANA abayoboke biwe barorera. Pastor agitangura  guterefona yagize ati”Hello,is this heaven ?”………..Raba Video musi wumve ingene uyu mu Pastor yaterefonye mw’ijuru na Telepfone   Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu kuri Facebook       Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

  • Igihugu c’uBurundi kibicishije ku muvugizi akaba n’umwunganizi mu bushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu ,bongeye kwagiriza igihugu kibanyi c’uRwanda hamwe n’igihugu c’uBubirigi kuba bariko baratanga inkoho mw’ikambi y’impunzi z’abarundi ziri muri Tanzania. Nkuko vyashikirijwe na Therence NTAHIRAJA umwunganirizi w’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu n’inyigisho zo gukunda igihugu ,yamenyesheje ko igihugu c’uRwanda kirikumwe n’igihugu c’uBubirigi […]

  • Mu gihugu kibanyi ca Kenya , kimwe mu bihugu bigize umuryango w’ibihugu vya Africa y’ubuseruko  ,ukubakana kubasanzwe bahuje ibitsina bibandanya vyiyongera umusi kuwundi . Naho umukuru w’igihugu yigeze gukurira inkoni kugishitsi mugenziwe Barack Obama mu mwaka wa 2014 kwatarota igihugu ciwe cinjira mumuryango w’ibihugu vyemeza ubugeni bwabasanzwe bahuje ibitsina ,ibintu bisa naho bitabandanije bigenda nkuko abishaka kuko […]

  • Naho wari umunezero udasanzwe kuruhande rwabasanzwe bayoboka ubutegetsi bwa Bujumbura ,ibintu bisa nivyahindukiriye urundi ruhande kuko ibihugu biri muri UN Human Rights Council resolution  vyemeje ko ikiringo c’abahinga bakora amatohoza kubwicanyi bwabaye mu Burundi congerwa . Mu bihugu 47 bisanzwe biri muri UN Human Rights Council resolution  vyose hamwe ,ibihugu 22 vyemeje ko ico kiringo congerezwa mugihe 11 […]

  • Mu gihe abasanzwe barwanya ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza bari bafise icizere cinshi ko ibintu bishobora kurara bidadanutse, ndetse hari n’icizere ko haca hemezwa ko abategetsi b’uBurundi bazoca bajanwa imbere y’ubutungane mpuzamakungu ,ibintu vyaje guhindukira uko abarwanya Nkurunziza batari bavyiteze ndetse basa nabakubiswe n’inkuba kuko benshi batatahuye ibibaye. Ibi vyabereye i Malte mu nama yari yahuje […]

  • Ihinguriro ry’ibinyobwa mu Burundi  BRARUDI (Brasseries et Limonaderies du Burundi) ryasohoye ikinyobwa gishasha kizoba gihinguwe mu Bitoke . “Nyongera Akiwacu” nico kinyobwa gishasha  casohowe kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 kigarama 2016 mu Ntara ya gitega n’ishirahamwe rihinguriro ibinyobwa mu Burundi ariryo BRARUDI (Brasseries et Limonaderies du Burundi) . Nkuko vyatangajwe n’umukuru wa BRARUDI bwana […]

Pub

Pub

Pub

Latest Articles

Rashidi mwinshehe azwi cane kw’izina ryakazi asanzwe akora nka Kingwendu yatsindiye umwanya wo kuba umwe mubashingamateka b’igihugu ca Tanzania mumatora ico gihugu cakoze kumusi w’Imana. Kingwendu yari yaserukiye umugabwe utavuga rumwe na reta ya Tanzania ariwo CUF ariko bakaba bari bagiye murunani hamwe n’umugabwe waza imbere muyikomeye itavuga rumwe na reta ariwo CHADEMA. Bwana Kingwendu rero akaba yatowe nabanyagihugu bagera kubihumbi umunani gusa 8.000 ivyo  bikaba vyatumye aca aza kumwanya […]

Inyuama yaho mugihugu ca Tanzania kumusi w’Imana   biriwe mumatora mugihugu cose ivyavuye mumatora vyatanguye kuja ahabona. Umugabwe wahora kubutegetsi ariwo chama cha mpinduzi( CCM) niwo biriko biravugwa kuza imbere mumatora yumukuru w’igihu . Kubiharuro vyambere bimaze gushigwa ahabona DR John Pombe Magufuri yaserukiye umugabwe CCM umaze kubutegetsi imyaka myishi cane kuva igihugu ca Tanzania kironka ukwikukira niwe aza imbere ya mugenziwe  DR Lowassa aserukira umugabwe wa CHADEMA. Ibi ariko […]

Mugihugu c’ubushinwa (CHINE) umushoferi yaratwaye imodoka yari ipakiye amagi menshi cane yagize ivyago ayo magi yose arasanzara kubera yari yikubese hasi . Uwo mushoferi akaba atorohewe nagato kuko nyene ayo magi akibimenya yaciye anyarukira murago gace  ka Tai’an city,  muntara ya Shandong habereye iryo sanganya uagahita afata mumashati uwo yaratwaye ibicuruza vyiwe ,ariko abajejwe umutekano bakaza kumukiza ataco aramugira. Juan yari nyene ayo magi ,yabwiye police ko naho ari isanganya […]

Donald Trump umwe mubariko barakora cane kugira arabe  ko yosubirira mugenziwe Barack Obama kugira abe umukuru wa Reta zunze ubumwe bwa Amerika yavuze amajambo ariko avugisha abantu benshi aho yemeje yuko yaba isi igifise bamwe mubatware nka Sadaam Hussein yahora atwara igihugu ca IRAK hamwe  na Muammar Khaddafi yahora atwara igihugu ca LYBIA kw’isi iba imeze neza cane ndetse ko namahoro aba ari ikirenga haba muri Africa canke muri ASIA. […]

Inyuma yaho hafatiwe ingingo yo gusubiramwo ikibuga gikuru c’intara ya Gitega ubu ibikorwa bikaba bisa nivyamaze guhera ,aho biboneka neza kwiyo stade isigaye iteye igomwe. Iyo stade ikaba yasubiwemwo  nishirahamwe ry’umupira wamaguru FFB rifashijwe na FIFA mumugambi wayo FIFA goal . Raba amafoto hasi yiyo stade yamaze gusubirwamwo   Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Umurwi nserukira gihugu w’intamba murugamba wabakinyi basanzwe bakinira mugihu c’uBurundi waraye usezeye ndetse unabura uburenganzira bwo kuzokwitaba inkibo za CHAN 2016 zizobera mugihugu kibanyi c’uRwanda. Ugutsindwa kumurwi w’intamba murugamba bisa nivyatangaje abantu benshi cane kuko benshi bari bamaze gusa naho bemeza yuko uwo murwi wamaze kugeza ikirenge cawo munkibo za CHAN 2016 ,ivyo navyo bakaba babivuga bafatiye kukungene umurwi w’Intamba murugamba wari witwaye neza murukino rwari rwahuje iyo mirwi yose […]

Sal G numwe mu baririmvyi babarundi yamenyekanye mundirimbo nyishi harimwo nka”Reka kumbabaza” yakoranye na Big fizzo mumwaka wa 2014 . Ubuzima bwuwo muririmvyi Sal G bwoba butifashe neza nagato kuko  bivugwa ko yafashwe n’ingwara benshi bavuze ko vyoba ari ibisazi kuko yaciye anyarukanwa mubitaro vyo mu Kamenge aho benshi basanze bita kwa Legentie kugira akurikiranigwe hagufi nabaganga banonosoye ivyerekeye izo ngwara zo mumumtwe. Icateye uburwara uyu muririmvyi Sal G kikaba kitaramenyekana […]

  Inyuma yaho  bwana Valantin Bagorikunda, umushikirizamanza mukuru wa reta y’uBurundi asohoye inzandiko (imitahe)zisaba ibihugu bisanzwe bifise bamwe mubasanzwe bagirizwa amabi atandukanye mugihugu c’uBurundi ko bofatwa bakarungikirwa ubutungane bw’igihugu c’uBurundi  ariko iyo mitahe yose igasohoka atazina rya general NIYOMBARE ririko kandi ariwe yagirizwa cane kwariwe yashatse gutembagaza ubutegetsi bwa NKURUNZIZA itariki 13 rusama 2015  ,akaba ari nawe yari kwisonga nkuko nawe yavyivugira ,ubu rero benshi batanguye kugira amakenga kuvyerekeye iyo ntwaza […]

  Abarundi basanzwe baba mugihugu ca Canada bakoze imyogaragavyo yo gushigiki ubutegetsi bwa PETERO NKURUNZIZA. Nkuko twavyiganiwe numwe mubagiye muriyo myiyerekano yo gushigikira ubutegetsi bwa NKURUNZIZA yagize ati”Uburundi ibiriko biratubako biteye agahinda ,abantu benshi bariko bitwaza ikiringo bita icagatatu ca Nkurunziza kugura bateze akajagari mugihugu ,bongera batuma dusubira inyuma nkibirenge mwiterambere ,ico twakoze uyu musi twashatse tubereke ko naho tudakunda kujanira hejuru nkuko babikora ko tuzi neza ibibera mugihugu cacu […]

  Umumenyereza wa Liverpool Brendan Rodgers  inyuma yo kwitwara nabi cane muri championa y’ubwongereza akanagirizwa yuko atagishoboye gushira kumurongo umurwi wa liverpool hamwe nabakinyi ,abajejwe umurwi wa liverpool hamwe nabasanzwe bafise umutahe muruwo murwi baraye bafahse ingingo yo  kumwegeza kure y’umurwi wa liverpool. Inyuma yo guheza championa mumwaka uheze ahagaze nabi cane ,ubu hoho abajejwe uyu murwi wa liverpool ntibihanganiye Brendan Rodgers Mugihe uyu mugabo Brendan Rodgers yahejeje championa y’umwaka […]

Mugihe igihugu cu burussia kiri muri bimwe mubihugu bisanzwe birimwo ikibazo co kuvangura urukoba cane ,na cane cane kubantu kubasanzwe bakomoka muri africa, abahinga baho bakoze loboratoire ishobora guhindura urukoba abirabure bakagira urukoba rwabazungu biboroheye cane kugira bashobore gusa nabandi bantu bo mubu russia (abazungu) Ubwo bushakashatsi bwakozwe nimwe mumakaminuza yo muri moscou mubu russia Nkuko vyatangajwe na kaminuza imwe ijejwe ivyubushakashatsi mugihugu cubu russia i moscou ,abashakashatsi ba kuriyo […]

Inyuma yimisi 10 umuririmvyi JASTIN Bierber ariko aravugwaho kwitwara nabi cane bivanye namafoto yasize hanze yambaye ubusa ,aho yari yagiye mukiruhuko mugace ka BORA BORA ,uwo muririmvyi yavuye mugacerere atangaza ico abivuzeko JASTIN Bierber yemeje neza ko ivyo yakoze bitotuma ubuzima bwiwe buhinduka ngo yumve ko yiyase kubera izo foto zabonetse ahenye. Abazwa nabanyamakuru ba USA TODAY kimwe mubinyamakuru bikomeye cane mugihugu ca reta zunze ubumwe bwa amerika ,umuririvyi JASTIN […]

Babbi mziki umwe mubaririmvyi babarundi basanzwe bakorera ibikorwa vyabo vy’umwuga wo kuririmba mugihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika ,yaraye asohoye indirimbo iriko iravugisha abantu benshi bo muri East African na cane cane abasanzwe baba hamwe nuwo musore mugisagara ca ARIZONA. Amasanamu yiyo video ya MZIKI BABBI akaba ariko aratangaza abantu benshi cane ,uravye ukungene asa hamwe nubuhinga akoranye. RABA AMASHUSHO Y’IINDIRIMBO “NIPE PENZI “YA BABBI Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

Mugihugu ca Nigeria umwiyahuzi ava muri bamwe basanzwe bagendera kuvyiyumviro vikaze vya Islam yiturikirijeko igisasu mugihe yari yagiye mumusigiti gusenga hamwe nabandi mumasengesho yo mugitondo. Iki gisasu kikaba cahitanye abarenga mirongibiri bari bazindukiye gusenga ,mumasengesho yo mugatondo kuruwo musi. Uyu mwiyahuzi yiturikirijeko igisasu yamenyekanye ko yari muri bamwe basanzwe bemera kandi bakanagendera ivyiyumviriro vyumutwe w’itwaje ibigwanisho ariwo BOKO HARAMU usanzwe ugwanya reta y’igihugu ca Nigeria. Ibi rero bikaba vyabaye kumusi […]

Imigambwe izogira uruhara mu matora yo kuri uyu w’Imana iraraheza  kwiyamamaza kuri uyu mugoroba nk’uko bitegekanyijwe mw’ibwirizwa rigenga amatora muri ico gihugu. Kuri uyu munsi wa nyuma wo kwiyamamaza, umugambwe uri ku butegetsi CCM, wari mu gisagara ca Mwanza, aho John Pombe Magufuri, azitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu, yemereye ko agiye guteza imbere uburezi ku buryo abanyeshure batazosubira kuriha amahera gushika bahejeje amashure yisumbuye. Yiyemeje kandi kurwanya igiturire no gukoresha […]

Urukundo rwubu rusigaye rusa naho rwateye imbere cane canke naho uruhigi rusa naho rwahindukiye murukundo kuko ubu usanga numukobwa ubwiwe ashobora kwihigira umukunzi kandi kera bitakunda kuboneka ,muruko rero guhiga umukunzi umukobwa hari ibimenyetso vyinshi agenda yerekana na cane cane kuruwo muhungu aba yarakunze 1:umukobwa asanzwe agukunda yamana akanyamuneza nakamwemwe iyo muri kumwe Umukobwa asanzwe agukunda ,na cane cane iyo ashaka ko umuber umukunzi wiwe yamana akanyamuneza iyo muri kumwe […]

Jeff Ole Kishau azwi cane kukuba atunze ubusho bwinka nyishi cane yaheruka kuguva yuko ashaka guha BALACK Obama inka zishika canke zirenga 500 kugira amwemererere ko yotwara umukobwa wiwe Malia Obama,uwo mugabo yari yavuye mugisagara abamasayi basanzwe babamwo aza kuraba kuwo yakunze malia obama yoba yaje kugira indoto ziwe zicike ukuri Jeff Ole Kishau yishikiye mugisagara ca Nairobi yambaye imyambaro yaba massai aje kuraba ko MALIA OBAMA yoba yazananye nase […]

Edgar LUNGU asanzwe arongoye igihugu ca ZAMBIA  kuva mukwezi kwa Nzero mumwaka wa 2005 yasavye abanyagihugu biwe ko boja hamwe bakisonzesha  bakongera bagasenga cane kugira Imana ikure igihugu cabo mubibazo bikomeye vy’ubutunzi igihugu cabo  kiriko kiracamwo muriyi misi. Ibi vyose akaba yabikoze inyuma yaho ifaranga ryabo risanzwe ryitwa kwacha rutereye agaciro ibice birenga 45% Kuva muntango zumwaka ifaranga rya Zambia rigenda rita agaciro umusi kumusi ,ndetse ubu abahinga bakaba bamaze […]

Intwaza ngabo zigihugu c’uBurundi zishika kuri 850 bakukira ikambi ya gisirikare ya 34 (34è Bataillon) baraye bafashe indege kuruyu wa gatanu itariki 23 gitugutu 2015 muntumbero yo kuja gusubirira bagenzi babo bari basanzwe babungabunga amahoro n’umutekano mugihugu ca Somalia. Intwanza ngabo 850 nizo zarungitswe gusubirira bagenzi babo bahejeje igikorwa bari batumwe n’igihugu. Izi ntwazangabo zikambi ya gisirikare ya 34 zikaba zagiye gusubirira bagenzi babo bo mwikambi ya gisirikare ya 28 […]

Barack Hussein Obama asanzwe arongoye igihugu ca  Reta zunze ubumwe bwa Amerika kuva mumwaka wa 2009 mukwezi kwa nzero ,ubu asa naho atorohewe mugihe asa naho yatawe kuwamazi no gukemura ikibazo c’abantu  batunze inkoho birirwa barica abantu atacamira. Iraswa ryabantu muri Amerika ryabaye akananira bahinga. Inyuma yaho hiciwe abantu bagera kuri 10 barashwe numusore yarabasanze murusengero mugisagara ca Calfonia kiri mubumanuko bwa Reta zunze ubumwe bwa Amerika ,abanyagihugu benshi cane […]