Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

  • Ihinguriro ry’ibinyobwa mu Burundi  BRARUDI (Brasseries et Limonaderies du Burundi) ryasohoye ikinyobwa gishasha kizoba gihinguwe mu Bitoke . “Nyongera Akiwacu” nico kinyobwa gishasha  casohowe kuruyu wa gatandatu igenekerezo rya 10 kigarama 2016 mu Ntara ya gitega n’ishirahamwe rihinguriro ibinyobwa mu Burundi ariryo BRARUDI (Brasseries et Limonaderies du Burundi) . Nkuko vyatangajwe n’umukuru wa BRARUDI bwana […]

  • Inyuma  yaho Benjamin William Mkapa ,umuhuza mu matati y’uBurundi ,amenyeshereje ko abasanzwe bagirizwa ubwicanyi badakwiye kuja mu biganiro bihuza abarundi,bamwe mubanyepolitke harimwo n’abakozi b’Imana baserukira amashengero babandanya kwiyamiriza ico ciyumviro ca William Mkapa. Kuruhande rwabaramutswa amashengero ,uwatanguye kwiyamiriza kumugaragaro iciyumviro ca Benjamin Mkapa ni Mgr Simon NTAMWANA,asanzwe asanzwe arongoye intara ya Gitega mw’shengero Katorika. Kubwa Mgr Simon […]

  • Kuva  aho Melchior Ndadaye ,incungu ya Democratie akaba n’umukuru w’igihugu wambere yaratowe n’abarundi agandaguriwe ,abavyeyi biwe ntibigeze bibukwa na gato  n’abari mu mugabwe Melchior Ndadaye yavamwo  ndetse  n’ubuzima bwabo bukaba bwabandanije buba bubi cane naho uyu mugabwe wasinzwe ushinzwe ukanakomezwa na Melchior Ndadaye wagumye mu Butegetsi kuva mu mwaka wa 1993 . Sahwanya FRODEBU yasinzwe […]

  • Murugendo rw’imisi itatu umuhuza mu matati y’aBarundi amaze mu gisagara ca Bujumbura ,Benjamin William Mkapa yahoze ari umukuru w’igihugu ca Tanzania kuva mu mwaka wa 1995 gushika mu mwaka wa 2005,  yakuriye inkoni kugishitsi abasanzwe batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Pierre Nkurunzuza . Mukiganiro yahaye abanditsi n’abamenyesha makuru kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 09 kigarama 2016, […]

  • Umuririmvyi Yoya Jamal ubu abarizwa kumugabane w’iburayi yasize hanze akaririmbo kiwe gashasha gafise ubutumwa bunyuranye n’ivyo yarasanzwe aririmba. Naho Benshi bari bamenyereye kumva  Yoya Jamal aririmba indirimbo zijanye n’urukundo ,canke ubuzima bw’isi ,Yoya Jamal yasohoye ubwambere indirimbo ivuga kubijanye n’ inzoga hamwe nakaboregwe . Iyi ndirimbo ya Yoya Jamal yasize hanze n’indirimbo yamweho kuva kera ariko akaba […]

  • Inyuma yoho Willy Nyamitwe  umuhanuzi mukuru muvyo gutangaza amakuru mu bureau vy’umukuru ‘igihugu ategewe   umutego n’abitwaje ibigwanisho ariko akarusimba,benshi mu banyepolitike na cane cane abasanzwe bari mu kwaha k’ubutegetsi babandanya bagira ico bashikirije ndetse bamwe bakagenda bagira imigwi bagenda begekako ico gitero. Kubwa Jcques Bigirimana asanzwe arongoye umugabwe FNL ,wemewe imbere y’amategeko yatunze urutoke […]

  • Inyuma y’igitero  cahatswe kuzimanganya ubuzima bwa Willy Nyamitwe asanzwe ,ari umuhanuzi mukuru mubijanye no kumenyesha amakuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu ,Pierre Nkurikiye ,asanzwe avugira igipolisi c’uBurundi yatanze ikiganiro kubanditsi n’abamenyesha makuru mu ntumbero yo gusigura ibijanye nico gitero hamwe no gushira ahabona aboba  bari inyuma yico gitero . Nkuko umuvugizi w’igipolisi yabishikirije ,bwana Pierre Nkurikiye yamenyesheje […]

  • Indege yaritwaye abakinyi b’umurwi w’umupira w’amaguru  wo mu cicaro cambere wo  mu gihugu ca Bresil ,yagiriye isanganya mu gihugu ca Colombia . Iyi Ndege yariko iraja mu gihugu ca Colombia ,yarimwo abantu bashika kuri 81 hakaba harimwo abakinyi bose bagize umurwi wa Chapecoense wo muri Bresil baherekejwe nabasanzwe babafasha kwimenyereza  hamwe  n’abaganga bakurikirana uwo murwi. Umurwi wa Chapecoense wariko […]

  • Inyuma yo kugarukira  ku munwa  w’urupfu,arashwe n’umurwi witwaje ibigwanisho ,mugihe yaratashe muhira iwiwe mu Quartier ya Kajaga,Willy Nyamitwe yavuye mugacerere  yemeza kwataco yabaye ariko amenyesha ko yababajwe cane n’umu polisi yarasanzwe amucungera ubuzima yasize ubuzima murico Gitero. Mu majambo ya Willy Nyamtwe yashikirije abicishije kurukuta rwiwe rwa Twitter ,yashimiye abo bose bamufashe mu mugongo ariko […]

  • Willy Nyamitwe, asanzwe ari ,Umuhanuzi mukuru mu Bureau vy’umukuru w’igihugu ,yacucagiweko amasasu n’abantu bitwaje ibigwanisho  mugihe yaratahutse muhira iwiwe. Ibi vyabereye mu gisagara ca Bujumbura,aho Willy nyamitwe yaratashe iwiwe mu Kajaga aho asanzwe aba ariko kuca agwa mu mutego wabantu bitwaje ibigwanisho bakamucucagirako amasasu . uyu yariko araronderwa yaratashe iwe aho sanzwe aba ngaho nyene […]

  • Mugihe Reta y’Uburundi  yaheruka gushiraho umurwi wo   kwiga kwitegeko rishiraho umurwi udasanzwe kugira uhindure ibwirizwa shingiro  rya Repuburika y’Uburundi ,abatavuga rumwe na Reta y’uBurundi batanguye kwiyamiriza iyo ngingo ndetse bongera basaba ababishoboye kwamira hakiri kare amazi atararenga inkombe. Uwaje ubwambere ni Muganga Yohani Minani , umukuru wa CNARED Giriteka(Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha […]

  • Francine Niyonsaba ,umunonotsi rurangiranwa w’umurundikazi  mu kwiruka imetero amajana umunani(800m) kugwego rw’isi yose yambitswe umudari w’iteka nk’umunonotsi wakarorero kandi urundi rwaruka rukwiye kurabirako akarorero keza. Umudari witeka yawambwitse n’umukuru w’igihugu ,kuruyu wa kane igenekerezo rya 25 munyonyo kuri stade yitiriwe “Urunani”iri muri komine Buganda mu Ntara ya Cibitoke. Francine Niyonsaba akaba yabwitse uyu mudari n’umukuru w’igihugu c’uBurundi […]

  • Abanyarwa 3 harimwo abagabo babiri (2)hamwe n’umukenyezi umwe afise umwana akiri muto cane w’amezi umunani ,bankiwe guhonyoza ikirenge kubutaka bw’uRwanda ,bazira kuba bari mu mugabwe urwanya ubutegetsi bwa Kagame. Aba bankiwe gushika mu gihugu cabo nabayoboke b’umugabwe ” Ishema” utavuga rumwe na Reta y’uRwanda bari barongowe na  Padiri  Thomas Nahimana Umunyamabanga Mukuru wuwo mumugabwe “Ishema”umwe mu […]

  • Yohani Minani ,Umukuru w’urunani CNARED Giriteka (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.)yashikirije amajambo atangaje ku kibazo cerekeye umuhuza  mushasha w’abarundi  aheruka kugenwa. Muganga Yohani Minani ,asanzwe aserukira uruanani CNARED Giriteka  ,yamenyesheje ko adashigikiye na gato igenwa rw’umushingamateka Edouard Nduwimana […]

  • Pacifique Ninanahazwe umwe mubasanzwe badaharanira inyungu za Politike mu Burundi akaba numwe mubarwanije ikiringo ca gagatu c’umukuru w’igihugu kuva mu mwaka wa 2015 ,yagize ico ashikirije inyuma yitorwa ry’umushingamateka Edouard Nduwimana nk’umuhuza wabarundi. Abicishije kurubuga ngurukana bumenyi bwiwe bwa Twitter ,Pacifique Nininahazwe akaba yashikirije amajambo adasanzwe aho yamenyesheje ko gutora Edouard Nduwimana nk’umuhuza wa’abarundi ari […]

  • Kuruyu wagatatu ,igenekerezo rya 23 munyonyo 2016,mu Ntara ya Makamba ibarizwa mu bumanuko bw’igihugu igiposi c’uBurundi cazindutse gifata ibikoresho vya gisirikare . Nkuko vyatangajwe n’inzego z’igipolisi  zo mu Ntara ya Makamba  zemeje ayo makuru ko zazazindutse zisaka ibirwanisho mu bice vya Mabanda hamwe na Kibago bigize iyo ntara . Igipolisi kikaba cahavuye cerekana bimwe mubirwanisho cafatiye murico gikorwa,aho cerekanye […]

  • Mugacamugani kiwe ,Pierre Nkurunziza ,umukuru w’igihugu c’uBurundi yashimikiye kuri Bakame hamwe n’igikoko kinini kiba mumazi ,imvubu. Mugihe yariko araca ako gacamugani ,Pierre Nkurunziza yasanze yihenze ahari kuja ijambo Bakame ahashira ijambo kagame. Umviriza mu majwi umukuru w’igihugu c’uBurundi, Petero Nkurunziza ngaho musi . Share PostTwitterFacebookGoogle +1Email

  • Inyuma yaho igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika kiburije abanyagihugu baco kudasubira kugira ingendo mu Burundi hamwe no kugendera mu duce tumwe tumwe mu gisagara ca Bujummbura,igihugu ca Canada naco cabujije abanyagihugu bacu gusubira guhonyoza ikirenge mu Burundi. Mu Rwandiko basize kurubuga rwabo ,travel.gc.ca  ,rusanzwe rumenyesha aho abanyagihugu bico gihugu bategerezwa kwirinda kubera umutekano […]

  • Kenshi abantu bakunda kwibaza k’urukundo rutakibaho ndetse haba mu bigeme canke abahungu  kwat’urukundo rukibarangwamwo , ahubwo ko ,umwe wese akunda afise ico agimje canke ico ariko ararondera kuri mugenziwe. Ariko naho biruko hari muvyukuri abantu bafise urukundo bakunda batagendeye kuco umuntu ari canke icafise canke ingene afatwa mukibano canke uko afatwa n’abagenzi bawe. Ibi naho […]

  • Umushingamateka ,Edouard NDUWIMANA  yatowe mu Ntara ya kayanza mu mugabwe CNDD FDD ,akongera akaba icegera ca kabiri c’inama shingamateka niwe yagenwe gusubirira  sheikh Mohamed RUKARA mukibanza c’umuhuza w’.abarundi  Edouard NDUWIMANA yemejwe n’abashingamateka ku majwi ashika kuri 91,3%. Abashingamateka b’uBurundi bakaba bemeje izina rya Edouard NDUWIMANA ku majwi 91,3 kw’ijana. Edouard NDUWIMANA akaba yariko arahiganirwa ico […]

Pub

Pub

Pub

Latest Articles

Umukuru w’urunani ADC ikibiri akongera akaba numwe munararibonye z’umugabwe FRODEBU ndetse akaba n’umwe mubabarizwa muriki gihe mu runani rwa CNARED Giriteka (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.),yatangajwe cane nivyakozwe n’umukuru w’igihugu mu gice ca Rushubi ,aho yakura abakirisu mu rusengero kugira baje kumusanganira aho yaragiye. Kubwa Léonce NGENDAKUMANA yamenyesheje ko ivyakozwe n’umukuru […]

Umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe bwa Amerika bwana Barack Obama yakoze urugendo rudasanzwe  aho yagendeye igihugu ca CUBA ,inyuma yimyaka ishika kuri 90 atamukuru numwe w’igihugu ca Amerika yari bwahonyore murico gihugu ca Cuba. Murugendo rw’imisi ibiri Barack Obama aherekejwe n’umuryango wiwe ,yagiye murico gihugu ca Cuba mu ntumbero yo kuraba ingene imigenderanire yivyo bihugu kwari bibiri yosubira kuba myiza hamwe no gukomeza ubucuti kubihugu vyose ndetse no kuraba […]

Kuruyu wa mbere igenekerezo rya 21 ntwarante 2016 ,Abanyeshure bo muri kaminuza y’uBurundi basanzwe bakorera ibikorwa vyabo mu kigo giherereye iKiriri bazindutswe bugarijwe n’inzego zijejwe umutekano mu ntumbero yo gusaka ibigwanisho murico kigo ca Kaminuza y’uBurundi. Naho iri sakwa ry’ibigwanisho atakigwanisho nakimwe  cigeze cerekanwa ko coba cafatiwe murico kigo ca kaminuza ,bamwe mu banyeshure bo ngaho murico kigo c’iKiriri baratewe umutima uhagaze niryo sakwa ry’ibigwanisho ndetse bamwe bakaba bafise ubwoba […]

  Mu mahiganwa ya IAAF WORLD INDOOR CHAMPIONSHIP , Francine Niyonsaba kuruhande rrwa bigeme yadugije ibendera ry’igihugu c’uBurundi aza kumwanya wambere ndetse bica binatuma atahukana umudari w’inzahabu. Akoresheje umwanya mwiza cane wa 2’00”01 ,Francine Niyonsaba yaje imbere y’ibihangange nka Ajee Wilson umunyamerikakazi  yakoresheje umwanya ungana (2’00”27) hamwe numunyakenyakazi Margaret Wambui yakoresheje umwanya ungana na (2’00”44). Tubibutse ko aya mahiganwa ariko arabera muri Portland, Oregon, United States ,akaba ariko arahuza abanonotsi bo kunzego zose haba […]

Mugihe iyicwa ry’ababikira batatu  babataliyano bagandaguriwe mu Kamenge kw’ishengero rya Paroisse Maria Conforti  mu kwezi kwi cenda mu mwaka wa 2014 ryabandanije ribamwo igipfungu cinshi ,hakaguma herekanwa hongera havugwa aboba bakoze ubwo bubisha haba kunzego zijejwe umutekano canke mu maradiyo yigenga nka RPA ,hongeye koboneka  uwundi muntu agira gatatu yiyemerera ko ari mubishe abo babikira batatu babataliyano. Uyu yabonetse kuyindi ncuro inyuma y’umwaka n’igice aba babikira bagandaguwe ni Clovis Kwizera benshi basanzwe […]

Mugihe igikorwa co gukina amareresi(film) ngaha mu gihugu iwacu biguma biboneka ko kibandanya gitera imbere umusi kumusi ndetse no mugice ca Africa y’ubuseruko muri rusangi  ,bamwe mu Barundi basanzwe bakina amareresi ngaha iwacu bisize hamwe n’abagenzi babo bo mugihugu kibanyi c’uRwanda kugira bakore ikintu kidasanzwe ,ndetse bakore irerese(Film) izoba iri kugwego rushimishije ishobora kurabwa igatahugwa bitagoranye  mugace kose ka Africa y’uBuseruko. Nkuko twavyiganiwe na Fleury Ndayirukiye asanzwe akuriye inzu izokora […]

inyuma yaho ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya bifatiye ibinaho vyo guhagarika burundu imfashanyo yose yahora igenewe uBurundi kubera hari vyinshi Reta y’uBurundi itasize mungiro ,ubumwe bwa Buraya bwasohoye iBintu bitanu vyotuma ibihano vyafatiwe reta y’iBujumbura bikurwaho. Ibi bintu bitanu nyamukuru ni 1:Kwugurura amaradiyo yose y’igenga agasubira agasamirana hakabaho no gukaza umutekano w’abamenyesha makuru bizo Radio. 2:Gukuraho ibihano vyafatiwe amashirahamwe yigenga asanzwe adaharanira ibibanza vya Politike mu Burundi hamwe no gukuraho imitahe […]

Kw’igenekerezo rya Gatatu Ndamukiza mu mwaka wa33 imbere ya Yesu nikuvuga (33A.D=anno domini mukirimi cikiratina  canke 33 years since the birth of Christ mucongereza) kumasaha y’umugoroba y’umusi wa gatanu niho umuromani yatwara intara yabayuda  (the Roman governor of judea)Pilato yaha itegeko abasirikare biwe  kwica YESU CHRIST ,kubera gutinya ko yohava amakura kungoma . Inyuma yo kugandagurwa kwa YESU CHRIST akagandagurwa urupfu rubabaje  ,icakurikiyeho kwabaye ukugenda baragandagura intumwa ziwe yari yasize kw’isi […]

Inyuma yaho inzego z’umutekano z’uBurundi zerekaniye umwenegihugu w’uRwanda nkumwe muri basumyi burusaku b’igisirikare c’uRwanda yoba yafatiwe mu Burundi ,uwuvuga kwari umuvyeyi wa Cyprien Rucyahintare yabesguje amakuru yuko uwo mwana wiwe yoba yarigeze guhonyora mugisirikare c’uRwanda.   Esdras Nsabimana ,umuvyeyi wa Cyprien Rucyahintare, yabeshuje amakuru yatanzwe n’umwana wiwe aho Cyprien Rucyahintare ,yaheruka kwemeza ko ari umusumyi w’urusaku w’igihugu c’uRwanda kandi kwasanzwe ari no munzego z’igisirikare kw’ipeta rya captain,Esdras Nsabimana avyara Cyprien Rucyahintare yemeje […]

Uwuserukira ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya mu Burundi ,umushingantahe Patrick Spirlet yatanze umuco kucatumye uBurundi bufatirwa ibihano bugahagarikirwa imfashanyo bwahora buhabwa n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya. Patrick Spirlet yamenyesheje ko uguhagarika imfashanyo kuri reta y’uBurundi vyavuye kunyifato n’ubushake reta y’uBurundi yerekanye muvyo yari yasabwe kwubahiriza n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya. Patrick Spirlet yabandanije amenyesha ko biboneka neza ko intabwe uBurundi bwateye adashimishije muri rusangi ndetse ko hakwiye gukorwa ibindi vyishi kugira igihugu c’uBurundi kibandanye […]

Inyuma y’itangazwa kumugaragaro ingingo yo guhagarika imfashanyo ishirahamwe ry’ubumwe   bwa Buraya bwahora bugenera uBurundi kubera reta y’uBurundi itigeze ishira mu ngiro ivyo yari yasabwe ,reta y’uBurundi yihutiye gusohora urwandiko rugizwe ningingo nyamukuru  indwi(7) Isomere musi itangazo rya Reta y’uBurundi. 1.- Le Gouvernement de la République du Burundi a pris acte de la déclaration de l’UE concluant les consultations avec le Burundi au titre de l’article 96 de l’Accord de […]

Ingabo z’igihugu c’uBurundi ziherereye mu gihugu ca Somalia mu ntumbero yo kugarukana amahoro n’umutekano murico gihugu ca Somalia zagendewe n’umukuru w’ingabo mu ntumbero yo kubashimira kubwitange n’ubukerebutsi bakoresheje kugira bakure mu maboko igisagara ca EL Baraf  cari kimaze igihe kitari gito carigaruriwe n’umutwe w’abagwanyi babihevyi ba Al Shabab. Maj. Gen. Mohammedesha Zeyinu asanzwe ari umukuru w’ingabo za AMISOM niwe yari aramutse agendera abasirikare babarundi bari muri secteur ya gatanu(5)barongowe na […]

Umukuru w’igihugu c’uRwanda ,bwana Paul Kagame yongeye kugira ico avuze kukibazo kijanye n’uBurundi aho bamwe mu bategetsi bu Burundi babandanya bemeza ko igihugu c’uRwanda ari kimwe mu nkwezi zamarere y’umutekano muke uri mu Burundi. Mu majambo umukuru w’igihugu c’uRwanda Paul Kagame yaneguye cane abasanzwe batwara uBurundi yongera anatangazwa n’ingene abatwara uBurundi babandanya bagiriza ubutegetsi bw’uRwanda kuba inyuma y’umutekano muke usanzwe urangwa mu Burundi. Mu majambo ya Paul Kagame yagize ati: […]

Inyuma yigihe kitari gito reta zunze ubumwe za Amerika isavye ko bamwe mubakozi bayo badafise ico bakora gikenewe cane mubuserukizi bw’ico gihugu buri iBujumbura hamwe n’abanyagihugu babo babarizwa ibujumbura ko bosubira iwabo kubera umutekano wari wifashe nabi ,reta zunze ubumwe za Amerika yaraye yongeye kumenyesha abanyagihugu bayo ndetse n’abahora bakora murubwo buserukizi ko  bogaruka mu Burundi kubera ko biboneka neza kw’ umutekano watanguye kugaruka mugisagara ca Bujumbura. Iyi ngingo yo […]

Mu nama yahuje abagize ubumwe bwa Buraya (UE)kuruyu wa mbere igenekerezo rya 14 ntwarante 2016 mu ntumbero yo  kwiga kukibazo c’uBurundi ku ngingo ya 96 yo mumasezerano yi Cotonou ,kugira barabire hamwe ko muvyukuri imfashanyo ibihugu biri mw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya vyoguma bitanga imfashanyo ku Burundi,iyi nama yaheze abari muriyo bafashe ingingo yo guhagarika intererano burundu yahora igenewe uBurundi. Inyuma yigihe kitari gito ubumwe bwa Buraya buriko buriga kukibazo c’uBurundi […]

Ubuhinga bwa none bubandanya butera buja imbere kurugero rushimishije ndetse bamwe mu ncabwenge zo kw’isi zibandanya zikora ibintu bihanitse ndetse kenshi bakaba bagerageza gukora ikintu gishobora gukora ibikorwa vyinshi gusumba ikiba gisanzwe kihari. Umwe mubahingo bo muburaruko bwa Reta zunze ubumwe bwa Amerika yakoze ipikipiki izoba ifise ibikorwa bibiri ,kimwe co kugendeshwa nkipikipiki isanzwe ikindi co kuba nk’ishakoshi ushobora kujanamwo ibintu vyawe. Uyu mugabo yakoze iyi pikipiki yamenyesheje ko isanzwe […]

Hari ibimenyetso umuhungu ashaka gusaba urukundo kumwigeme akwiye kumenya akanabigendera mugihe ariko aritegura gushaka gusaba urukundo umwigeme. Naho gusaba urukundo muriki gihe ,umuhungu ategerezwa gukoresha uburyo bwose kugira arabe ko yokwigarurira na ningoga umutima wuwo aba ashakako urukundo hari ibintu ushobora gukora ahubwo bigaca bituma numwe washaka kuja gusabako urukundo akwanka utarashika no kwijambo nyamukuru. 1:Ntuze wigere wita amazina y’urukundo uwo ushaka gukunda mugihe utarabona kwamaze kuvyinjiramwo neza . Iki […]

Murukino rw’igice c’umunani gishira icanyuma co mu nkino za Europa League ,umurwi w’umupira wamaguru wa Liverpool watsinze mukeba wawo Manchester United ibitsindo 2 vyose udakozemwo. Murukino abantu isinzi bari bageranye igishika ncinshi cane ,haba kuruhande rwabakunzi b’umugwi wa Liverpool hamwe no kuruhande rw’abakunzu b’umurwi wa Manchester United ,umurwi wa Liverpool washoboye kwihererana umurwi wa Manchester uwutsinda ibitsindo 2 . Uru rukino rutangura ,imirwi yose wabona ifise ishaka ryo gushaka igitsindo […]

Mw’itanganzo rigizwe n’ingingo 9,umugambwe uru kubutegetsi CNDD FDD wasize kumugaragaro kuruyu wa kane igenekerezo rya 10 ntwarante 2016,ubicishije kumuvugizi waryo bwana Gelase Ndabirabe,watunze urutoke bimwe bikomeye cane abahoze ari abakuru b’igihugu c’uBurundi mu myaka dusize inyuma. Mu ngingo yawo yambere yo murugwo rwandiko rwasizwe ahabona ,umugabwe CNDD FDD wamenyesheje ko bwana Pierre Buyoya ,uwahoze arongoye uBurundi incuro atari nke ,yifashishije  itembagazwa z’ubutegetsi ,ko yari inyuma yabashaka gitembagaza ubutegetsi kuwa 13 […]

Guhindura canke gusubiramwo amasezerana y’amabuye yagaciro asanzwe ari mu Burundi ni kimwe mucari kwihutirwa gukorwa n’urunani CNARED mugihe rwari kuba ruramutswa igihugu c’uBurundi. Nkuko bitangazwa n’ikinyamakuru gisanzwe gikurikirana ibijanye n’amabuye yagaciro hamwe n’ivyubutunzi kw’isi yose ariko cane cane muri Africa,ikinyamakuru the “africaintelligence”casize hanze bimwe muvyari kwihutirwa gukorwa na Leonardo Nyangoma mugihe yari kuba ariwe aramutswa igihugu. Nkuko tubisanga mu nkuru yabo igira 361 yanditswe kw’igenekerezo rya 2 ruhuhuma 2016,iki kinyamakuru […]