Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

FOCODE rimwe mu mashirahamwe  akomeye cane mu Burundi ndetse risanzwe riri mumashirahamwe adaharanira ivyicaro vya Politike mu Burundi ribandanya risaba ko ingabo z’uBurundi ziri mubutumwa bwo kubungabunga amahoro n’umutekano mubihugu nka Somalia hamwe na Centre Africa ko zotahukanwa vyihuta kuko zimwe murizo zagirizwa ubwicanyi bwamereye mu Burundi muriya mezi cumi aheze uBurundi buri mu ryane za Politike.

Nkuko vyatangajwe na Pacifique Nininahazwe ,umukuru w’urunani FOCODE,murwandiko yandikiye inama nkuru ijejwe umutekano kw’isi (ONU),Pacifique Nininahazwe  yasavye ONU kwihutira gutahukana abasirikare bu Burundi bari muri Somalia hamwe na CentreAfrica ,kuko benshi muribo bagirizwa ubwicanyi hamwe no gukora ibinyuranye n’amategeko agenga agateka kazina muntu.

Pacifique Nininahazwe umukuru wa FOCODE

Pacifique Nininahazwe umukuru wa FOCODE

Pacifique Nininahazwe yabandanije amenyesha ko kugumiza aba basirikare mugikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano mu bihugu nka Somalia hamwe na Centre Africa ari ugufata mu mugongo ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza ndetse ari no gushimira abasirikare baba basize bakoze ibara mu Burundi bagaca barungikwa mu mahanga guhebwa umushahara ugwije incuro zitanu yuwo bahora bahebwa mu Burundi.

Pacifique Nininahazwe akaba yabandanije ashimira ishirahamwe rya  ONU kubona riheruka gufata ingingo yo gusubiza inyuma zimwe mu ntwazangabo zine z’uBurundi kubera zagirizwa amabi yakorewe abarundi ndetse akaba abandanya asaba ko abariyo bose bogarukanwa  mu Burundi .

Tubibutse ko uBurundi buri mu bihugu vyambere bifise ingabo nyishi mu gikorwa co kubungabunga amahoro n’umutekano muri Africa kuko busanzwe bufise abasirikare bababa ibihumbi 6000 bose hamwe.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply