Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inama ijejwe umutekano kw’isi ,ONU yongeye kwemeza kuyindi ncuro ko mu Burundi hashobora kuba ihonyabwoko umwanya n’umwanya kubera ubwicanyi bufatiye kwihonyagwa ryagateka ka zina muntu buguma bubera mu Burundi.

Ibi vyashikirijwe kuruyu wa kabiri mu nama y’umutekano ya ONU yariko irabera i New York ,aho abahinga bishirahamwe rya ONU bashira ahabona icegeranyo cagiriza reta y’uBurundi ko ikora ubwicanyi ndengerabutungane ndetse ko n’umwanya n’umwanya ihonyabwoko rishobora kwaduka mu Burundi.

Iki cegeranyo casizwe ahabona n’abahinga ba ONU nico kuva igenekerezo rya 15 ndamukiza umwaka wa 2016 gushika igenekerezo rya 30 ruheshi umwaka wa 2016.

Aba bahinga bishirahamwe rya ONU bakaba babandanije basaba ko ubutungane mpuzamakungu bwokora ibishoboka vyose bugakurikirana abasanzwe bagirizwa gukora ayo mabi yo kwica no guhohotera abasanzwe batavuga rumwe n’ubutegetsi bw’uBurundi.

Aba bahinga nyene ba ONU bakaba banasavye ko uBurundi bwokurwa muri  Conseil des droits de l’Homme kubera butubahiriza agateka kazina muntu .

Ibi rero bikaba aribwo bwambere bibaye mu myaka icumi dusize inyuma aho bisabwa kw’igihugu gikurwa muri  Conseil des droits de l’Homme.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply