Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Onesime Nduwimana yahoze  ari umuvugizi w’umugabwe uri kubutegetsi CNDD FDD ariko ubu akaba abarizwa murunani CNARED giriteka (Le Conseil National pour le respect de l’Accord d’Arusha pour la Paix et la Réconciliation au Burundi et la Restauration d’un Etat de Droit.)yemeje ko mu Burundi hasigaye habarizwa bamwe mu banyarwanda bakoze amabi atandukanye mu bwicanyi bwabereye mu Rwanda mu mwaka wa 1994.

Onesime Nduwimana yagirije ubutegetsi bwa CNDD FDD ko bariko barakora ibishoboka vyose kugira haduke ingwano hagati y’uBurundi n’uRwanda kugira abantu bibagire ingorane nyamukuru uBurundi bufise.

Onesime Nduwimana yabandanije amenyesha ko bamwe mubakoze ivyaha bidasanzwe vy’ihonyabwoko ryaberye mu Rwanda mu mwaka wa 1994 ubu bagiye hamwe n’ubutegetsi bwa CNDD FDD  ndetse ko bamwe murivyo ngo basigaye bavyigamba.

Umviriza amajwi  ya Onesime Nduwimana ngaho hasi

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply