Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Moise Nkurunziza aheruka kugenwa nkicegera c’umuvugizi w’igipolisi c’uBurundi yamenyesheje ko kuruyu wambere mumasaha yo mugatondo hatowe inkoho zishika kuri zine iruhande y’ishengero Anglicane riri muri Zone ya Nyakabiga ya kabiri kw’ibarabara rya mbere.

Herekanwa ivyo birwanisho vyafashwe kumugaragaro bwana Moise Nkurunziza yamenyesheje ko ivyafashwe vyose hamwe zari inkoho 4 ,aho hakaba harimwo inkoho 3 zo mubwoko bwa karashinikove(Kalashnikov)hamwe n’iyindi nkoho imwe yo mubwoko bwa R4 ,ama chargeur y’inkoho ashika kuri 5 hamwe n’amasasu menshi cane ndetse n’ikigoti cigipolisi kiri muri bimwe bakoresha mukwikingira imvura.

Raba hasi kw’ifoto ivyo birwanisho vyafashwe

 

1inkoho1 1inkoho

Icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Moise NKURUNZIZA  akaba yashimiye abanyagihugu bakoranye neza nabajejwe umutekano kugira babashe kubona ahari hanyegejwe ivyo birwanisho.

Ibi birwanisho bibandanya bitorwa mubice bigize igisagara ca Bujumbura na cane cane muduce twiyamirije ikiringo ca 3 ca Nkurunziza Petero .

Aha twobibutsa ko muyinga riheze muriyo zone nyene ya Nyakabiga igipolisi cari cafashe isandugu irimwo ama bombe hamwe n’inkoho nyishi hamwe namasasu menshi cane kw’ibarabara rya 13 mu Nyakabiga.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply