Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu gihugu c’ubuhinde habonetse umuryango (family)udasanzwe ,ufise ico utandukaniyeko ni’yindi ndetse abantu nka bose bawurimwo bafise ico bisangije atahandi hantu wopfa kukibona.

Mu ntara ya  Bihar ,mu gisagara ca Gaya ,iri muburaruko bw’igihugu c’ubuhinde (Inde)niho uyu muryago udasanzwe ugizwe nabantu bashika kuri 25 ,abo bose bakaba bafise ikintu kidasanzwe aho umwe wese afise  intoke 12 kumaboko yose  hamwe n’amano 12 kumaguru yose .

children-with-6-fingers-png26toes

Naho twari dusanzwe tuzi neza ko umuntu akunda kuba afise amano 5  kukuguru kumwe hamwe n’intoke 5 kukuboko kumwe ,kuruyu muryango (family)hoho siko bimeze kuko umwe wese muruyu muryango asanzwe afise amaboko ariko intoke 12 kumaboko abiri  hamwe n’amano 12 ku maguru 2.

Se ,waba bana ,Krishna Choudhary yamenyesheje ko kuba batandukanye nabandi bantu atangorane nini bimutera ariko arimwe rimwe ashobora kugira ikibazo mukibano.

Krishna Choudhary yamenyesheje ko rimwe rimwe bishika ikibano kikabinuba aho yamenyesheje ko  hari  nk’umusore yanse kugira ubugeni n’umukobwa wiwe kubera afise intoke 12 hamwe n’amano 12.

children-with-6-fingers

 

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kumwanya kumwanya bikworoheye

.


Categories: Amakuru, Mumakungu

Leave a Reply