Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Hari ibimenyetso umuhungu ashaka gusaba urukundo kumwigeme akwiye kumenya akanabigendera mugihe ariko aritegura gushaka gusaba urukundo umwigeme.

Naho gusaba urukundo muriki gihe ,umuhungu ategerezwa gukoresha uburyo bwose kugira arabe ko yokwigarurira na ningoga umutima wuwo aba ashakako urukundo hari ibintu ushobora gukora ahubwo bigaca bituma numwe washaka kuja gusabako urukundo akwanka utarashika no kwijambo nyamukuru.

1:Ntuze wigere wita amazina y’urukundo uwo ushaka gukunda mugihe utarabona kwamaze kuvyinjiramwo neza .

Iki kintu gikunda gukorako abasore benshi ,na cane cane ababa bakunda kwigira abahinga muvyo gutereta abigeme,naho kenshi usanga kubakobwa batari bake kumwita chrie wiwe  canke honey nayandi menshi  kuri bamwe bisa nibisanzwe ,kurundi ruhande hari abandi bigeme bumva ko udakwiye kumwita aya mazina mugihe utarabikwmerera vyukuri canke ngo muvyumvikaneko mwese.

Muri rusangi kwita amazina y’urukundo umukobwa mugihe mutaraja mu rukundo vyukuri  ni bibi cane, naho murukundo habamwo ukwihangana burya abakobwo ntibakunda umuhungu abita amazina y’urukundo ataco murashikako kumbure n’urwo r’ukundo uba urondera rutaranaboneka hagati yanyu, ivyo rero bishobora guca bimutera kukwankira urwo rukundo washaka mugihe utanguye kumwita ayo mazina,kubera acabona ko kumbure wamaze kubona ko adashobora kuguhakanira, ariko umukobwa wewe acabona ko muri wewe atarukundo ushaka ahubwo arikindi kikugenza agahitamwo kukwankira.

2:Kuraba uwundi mukobwa ukamukurikiza amaso mugihe murikumwe nuwo uriko urasaba urukundo.

Iki nikintu abasore bategerezwa kwirinda cane gose ,mugihe woba wajanye gutemberana nuwo ushaka gusaba urukundo uze wirinde cane gusamarira abandi bigeme kuko ibi bishobora kumwereka ko naho yokwemerera mukaja murukundo uzokwama uja kwihigira abandi bigeme hanze .

Iki rero gishobora kuba kimwe mu vyotuma ushobora kubura urukundo ku mwigeme washaka gukunda .

3:Kudaha ubwigenge bukwiye uwo ushaka gukunda.

Kudaha ubwigenge bukwiye  umukobwa canke umwigeme ufiseko umugambi ni kimwe mu bintu abigeme banka cane.ibi bikunda kuboneka iyo umuhungu asanzwe afise muriwe ugutegeka aho aba ashaka gutegeka no gucunga nuwutaramwemerera urukundo.

Ibi kenshi uzosanga bikorwa mu kubaza umwigeme iyo yagiye ,ico ariko arakora canke umuhungu akama ashishikajwe n’ubutumwa bugufi bwa SMS buba buri muri ngendanwa yuwo mwigeme n’ibindi vyinshi.Ibi abakobwa batari bake ntibabikunda, kubasore bishobora gutuma urukundo murimwo canke muriko murajamwo ruhagarara kubera utamuha ubwigenge bukwiye ariko rero sikubahungu gusa ni kumpande zose haba no kubakobwa nabo bakwiye gutanga ubwigenge kubahungu bakundana, impande zose bakareka kwikekana.


Categories: Amakuru, Muhira, Urukundo

Leave a Reply