Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihugu ca Nigeria umwiyahuzi ava muri bamwe basanzwe bagendera kuvyiyumviro vikaze vya Islam yiturikirijeko igisasu mugihe yari yagiye mumusigiti gusenga hamwe nabandi mumasengesho yo mugitondo.

Iki gisasu kikaba cahitanye abarenga mirongibiri bari bazindukiye gusenga ,mumasengesho yo mugatondo kuruwo musi.

Uyu mwiyahuzi yiturikirijeko igisasu yamenyekanye ko yari muri bamwe basanzwe bemera kandi bakanagendera ivyiyumviriro vyumutwe w’itwaje ibigwanisho ariwo BOKO HARAMU usanzwe ugwanya reta y’igihugu ca Nigeria.

Ibi rero bikaba vyabaye kumusi wejo,kuwa 23 gitugutu 2025 , uyu mwiyahuzi akaba yaturikirije  iki kibombe muntara yamajaruguru yico gihugu mukarere ka maiduguri.

Ibi bikaba bibaye inyuma yaho mundwi iheze  mwako karere nyene hari uwundi mwiyahuzi yiturikije  iki bombe ari mumusigiti nyene  agahitana abantu bagera kuri  32 mugihe havuzwe ko abandi benshi cane bakomeretse bimwe biteye agahinda.

Kwiturikirizako ibisasu mumisigiti rero bisa naho vyabaye akamenyero murico gihugu ca Nigeria ,na cane cane kuva aho umukuru w’igihugu mushasha bwana Bohari yatangarije kwategerezwa kurwanya hasi no hejuru iterabwora rikorwa nabo biyahuzi.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply