Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ngo biragoye kwamashetani ashika kukirimba kwa Petero  Nkurunziza umukuru w’igihugu c’uBurundi  kuko ngo hari umuriro udasanzwe ,Grâce Ishimwe yemera  ko yagiye mukuzimu akamara igihe kitari gito akorana n’inguvu za Satani yatanze igishingantahe.

Grâce Ishimwe ,umwigeme wo mu ntara ya Ngozi yatanze igishingantahe kidasanzwe aho yemeza ko yagendera mukuzimu ndetse ko yari umukozi wa Satani igihe kitari gito haba kw’isi no mukuzimu.

Muvyo yashikirije Grâce Ishimwe yamenyesheje bimwe muvyo yahora harimwo nko :

1. Gutera amashengero
2. Guteza amasanganya
3. Kuniga abantu mu ndoto
4. n’ibindi vyinshi.

Mugihe yariko arashikiriza ico gishingantahe ciwe ,Grâce Ishimwe yamenyesheje ko satani yigeze kumutuma arikumwe n’abandi bakorana gutera kumukuru w’igihugu ariko bagasanga hariho umuriro udasanzwe bigatuma basubira inyuma biruka.

Grâce Ishimwe kwifoto yambaye agashati kera

Grâce Ishimwe kwifoto yambaye agashati kera

Grâce Ishimwe yabandanije avuga ko naho basanze hari umuriro basubiye inyuma kugira satani abahe ubushobozi bwo kwongera kuja gutera kumukuru w’igihugu ariko n’ubundi bikankira kuko basanze hari umuriro udasanzwe.

Umviriza mu majwi Grâce Ishimwe aho yariko arashinga intahe.

Nimba ushaka kwumviriza intahe yose yumvirize ngaha:http://www.umubanyi.com/2016/09/20/umviriza-intahe-ya-grace-ishimwe-wingozi-ingene-yahora-aja-mukuzimu-hanyuma-yesu-akamukiza-2/

 


Categories: Amakuru, Burundi, Gospel, Muhira

Leave a Reply