Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abanyarwanda babiri bahora bapfungiwe  mu mahanga mu gihugu ca  Netherlands bajanwe gupfungirwa mu Rwanda batanzwe n’igihugu ca Netherlands  kubera kwagirizwa na Reta y’uRwanda ko bari mu  bakoze ihonyabwoko ryabereye mu rwanda mu mwaka wa 1994.

Aba batahukanwe mu Rwanda ni Jean Claude Iyamuremye   na Jean Baptiste Mugimba ,aba nabo bakaba bari basanzwe bapfungiwe mu gihugu c’ubuholande ( Netherlands)

cxfdpbexgaazzrr

Aba bagabo babiri barungitswe mu Rwanda inyuma yaho inama nshingamateka ya  Netherlands yari yanse ko borungikwa murico gihugu ariko umushikiranganji w’ubutungane n’umutekano bwana  Ard van der Steur, akaza kwanka kwemeza iyo ngingo y’inama nshinga mateka kuko ariwe yarafise ijambo ryanyuma kuriyo ngingo.

cxfdqvjxeaaedec

Abasanzwe rero baburanira aba bagabo bose ukwari babiri bakaba bari bagerageje gusaba ubutegetsi bwa Netherlands kugira ntibarungike Jean Claude Iyamuremye   na Jean Baptiste Mugimba mu Rwanda ariko biba ivyubusa ,kuko ingingo yanyuma kuraba bagabo yategerezwa gufatwa na Ard van der Steur ,umushikiranganji w’ubutungane n’umutekano wa Netherlands.


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply