Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Naho abarundi benshi bakunze kwibaza ko igiterwa c’icamwa  pomme kitopfa kumera kubutaka bw’uBurundi ndetse bamwe bakaba bagifise ivyiyumviro ko Pomme zose zigurishwa mu Burundi ko zitegerezwa kuba zakuwe  mu mahanga , umwe mu barimyi ba kijambere bo mu Ntara ya Muyinga yatanguye kurima ico camwa ca Pomme ndetse kiramera atangorane .

Uyu yatanguye gukora ivyari bisa nivyatinwe na benshi ni  Jésus-Marie-Joseph NTINANIRWA ,umurimyi wa kijambere wo mu Ntara ya Muyinga mu zone ya Rugari mu gice ca Rutoke ,akaba yatanguye kurima ico camwa asa naho agerageza arabe ko cohamera  ariko gusanga ico camwa ca pomme kimera neza murico gice ca Muyinga ndetse kikazana n’ivyamwa vyiza.

Jésus-Marie-Joseph NTINANIRWA mu murima aho asanzwe arimira ibiterwa bitandukanye harimwo na Pomme

Izi akaba ari zimwe muri Pomme zarimwe na Jésus-Marie-Joseph NTINANIRWA umurmyi wa kijambere wo mu ntara ya Muyinga

Iki camwa rero ca Pomme ki kaba kiri mu vyamwa bizimvye cane mu Burundi aho usanga pomme imwe (1) igurwa hagati ya 1000FBU na 1500FBU,aha  abazicuruza bakaba baca bakunda gusigurira abaguzi  ko izo pomme  bacuruza baba bazikuye mu mahanga ariyo mpamvu zikunda kuba zizimvye cane.

Gusa naho bimeze uko hari abandi bemeza ko iki camwa ca Pomme gisa nicamaze gutangurwa kwijukirwa kurumwa mu Burundi ndetse benshi bakaba bemeza ko iki camwa gisigaye kirimwa cane mu Ntara ya Ngozi hamwe na Muramvya na cane cane ko iki giterwa gikundwa kurimwa ahantu hasanzwe hakanye.

Ifoto y’icamwa ca Pomme carimwe mu Ntara ya Muyinga n’umurimyi wa Kijambere Jésus-Marie-Joseph NTINANIRWA

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kuri Facebook bitakugoye


Categories: Amakuru, Burundi, Uburimyi

Leave a Reply