Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe hari gitezwe ko ibiganiro bihuza abasanzwe batavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Petero Nkurunziza kuruyu wa gatatu itariki 06 nzero 2016 bitangura icese ,reta y’uBurundi yamenyesheje kwidashobora kwitaba ivyo biganiro .

Nkuko ibi biganiro vyari bitegekanijwe kubera mu gisagara ca Arusha mu gihugu ca Tanzania ,nkuko umukuru w’igihugu ca Uganda Yuweri Kaguta Museveni yari yabitangaje ,kuruhande rwa reta y’uBurundi barahiye bararengwa ko badashobora kugirana ibiganiro n’abantu bagirizwa ugushaka gutembagaza uButegetsi ndetse no guhungabanya umutekano w’igihugu.

Leonard Nyangoma umukuru wa CNARED hamwe na Leonce mu biganiro Ikampala

Leonard Nyangoma umukuru wa CNARED hamwe na Leonce mu biganiro Ikampala

Joseph Bangurambona umunyamabanga ntanyeganyezwa mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire y’uBurundi nayandi makungu, yamenyesheje ko reta y’uBurundi itazokwitaba iryo sango ryari ryashinzwe n’umukuru w’igihugu ca Uganda ndetse yongera kumenyesha ko bari babimenyesheje inyuma yivyo biganiro ko badashobora kuguma bitaba ibiganiro mugihe abatumigwa mubiganiro bataba babumvikanyeko n’umuhuza.

Joseph Bangurambona akaba yabandanije amenyesha ko reta iriko iravugana n’intumwa y’umuhuza w’ikibazo c’uBurundi kugira barabe ingene botegura neza ibiganiro .

Kuruhande rwabasanzwe barwanya ubutegetsi bw’uBurundi bobo basanga ugutevya ibiganiro atagitangaza kirimwo nagato kuko atabiganiro bigeze bashaka,ahubwo ko ubutegetsi bwa Nkurunziza bushaka kumara abatavuga rumwe n’ubutegetsi bw’iBujumbura.

Rwasa Agathon Mubiganiro biheruka kubera iKampala

Rwasa Agathon Mubiganiro biheruka kubera iKampala


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply