Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kumyaka 22 yonyene umukinyi Saido BERAHINO asanzwe akinira ikipe ya WEST BROMWICH yo mubwongereza yo mucicaro ca mbere mw’ihiganwa Premier League ariko araronderwa hasi no hejuru ni mirwi ikomakomeye hafi ya yose yo mu bwongereza.

Nk’uko bitangazwa n’ikinyamakuru 90min.com candikira mu bwongereza kimenyesha ko uyu mukinyi Saido BERAHINO ariko ararondegwa hasi no hejuru n’imirwi nka yose yo mubwongereza isanzwe ikomeye cane aho twovuga nka Manchester United, Manchester City, Liverpool,Arsenal na  chelsea .

Nkuko ico kinyamakuru kibandanya kibimenyesha Saido BERAHINO ashobora kwegukanwa n’umurwi wa Chelsea ubu biboneka ko ufise ikibazo gikomeye c’umusatirizi n’ikibazo gikomeye co kuguma batsindwa canke banganya n’iyindi mirwi yo ngaho mu bwongereza.

Saido Berahino kw'ifoto

Saido Berahino kw’ifoto

Guus Hiddink umumenyereza mushasha wa Chelsea aheruka gutangaza ko muruku kwezi ko kugura abakinyi gushika mu ntango z’ukwezi kwa ruhuma bategerezwa kuba bamaze kuronka umukinyi w’umusatirizi kuko abo basanzwe bafise bose harimwo na Diego Costa biboneka ko imvune zibamereye nabi ,Guus Hiddink yabandanije amenyesha ko umukinyi umwe rudendende w’imbere asigaranye ari Loic Remy nawe akaba atarashobora kumwemeza ko ashobora gufasha ikipe yiwe nkuko avyipfuza.

Aya makuru nyene abandanya avuga ko bishoboka ko uyu mukinyi Saido BERAHINO ashobora kuba yageze mumurwi wa Chelsea mu ntango z’ukwezi kwa kabiri itariki 3 ruhuhuma 2016.

Saido BERAHINO asanzwe ari umusore w’umurundi akinira umurwi wa WEST BROMWICH , Berahino akunzwe kurondegwa n’amakipe menshi akomakomeye yo mu bwongereza ariko uwo murwi wiwe asanzwe akinamwo n’iwigera wipfuza kumurekura kubera yari mubabinziriza ibitsindo vyinshi.

Source yiyi nkuru:http://www.90min.com/posts/2883712-chelsea-surprise-new-favourites-to-sign-west-brom-s-saido-berahino-this-month


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply