Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inama ijejwe umutekano kw’isi (UN)yanditse urwandiko rusaba uwuriko ararongora iyo nama muriki kiringo ca Kigarama bamusaba ko uwuserukira uBurundi atohabwa ikibanza ca kurongora iyo nama kuko uBurundi asanzwe aserukira bwarenze kumasezerano yagateka kazina muntu.

Nkuko biri murwandiko rwagiye ahabona kuruyu musi kuwa 20 kigarama 2015, Ambassador Samantha Power ariko  araserukira iyo nama muruku kwezi kwakigarama yasabwe ko yokora ibishoboka uBurundi ntibuze buronke ico kibanza kuko bwarenze agateka kazina muntu.

Iki cipfuzo gisohotse inyuma yaho uwuserukira uBurundi bwana Ambassador Albert shingiro yarasigaje igihe cimisi 10 gusa kugira abe ariwe ashikirwa mukuyobora ako kanama kumutekano kw’iki mugihe cukwezi kumwe.

Bwna Albert SHINGIRO aserukira uBurundi muri UN  akaba yotanguye kuyobora ako kanama k’umutekano kw’isi mu ntango z’ukwezi kwa Nzero umwaka wa 2016.

Raba hasi ikete ryandikiwe uwuriko ararongora iyo nama muruko kwezi kwa KIgarama

12360331_518566424993018_4243920660726491514_n

Tubibutse ko bwana Albert Shingiro yari yatowe kuwa 28  gitugutu 2015 ,ngo aserukire uBurundi murako kanama kajejwe umutekano kw’isi.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply