Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yo gusohora amajwi menshi cane yasohora ageneye umukuru w’igihugu ,Kiramvu Domitira yahoze ari umumenyesha makuru w’insamirizi ijwi ry’abanyagihugu yongeye kwishira mu majwi asohora ayandi majwi ariko yoyo yagenewe umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ,Denise Nkurunziza.

Muraya majwi ya Domitira Kiramvu ,yagiye aravugamwo ibintu bitandukanye na cane cane agenda agaruka cane kw’igurishwa ry’abugeme b’abarundi rimaze imisi rivugwa n’amashirahamwe yigenga ko hoba hari abigeme boba bagurishwa mu bihugu vya Asia.

Ikindi Domitira Kiramvu yagarutseko cane n’iyirukanwa ry’abana muramwe mu mashure yo muntara zinyuranye z’uBurundi birukanwe kubera ugufutanganya amwe mu mafoto y’umukuru w’igihugu yari mu bitabo basanzwe bigiramwo.

Ubu butumwa rero Demitira Kiramvu akaba yabugeneye umutambukanyi w’umukuru w’igihugu ngo mu ntumbero yo kumusaba guhanura umushingantahe wiwe ngo na cane cane kwariwe amwegereye cane.

Umviiza mu majwi Domitira Kiramvu mu majwi ngaho musi

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply