Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mwihangiro igisata kijejwe gutoza amakori ya reta OBR(Office Burundais des Recettes )yari yihaye muruku kwezi kw’umunani mu mwaka wa 2016 ,harenzeko amahera yamarundi agera kuri 9.8 milliard.

Mwihangiro ryamahera y’amarundi anagana na 46 milliard(46.000.000.000fbu) ishirahamwe OBR(Office Burundais des Recettes )ryari ryihaye gutoza muruku kwezi k’umunani mu mwaka wa 2016,harenzeko amahera yamarundi angana na 9.8Milliard y’amarundi(9.800.000.000fbu).

Ibi vyatangajwe na OBR(Office Burundais des Recettes )inyuma yo kurabira hamwe amahera iryo shirahamwe ryashoboye gutoza muruku kwezi dusize inyuma k’umunani.

Tubibutse ko mu mezi dusize inyuma amahera yatozwa n’iki kigo OBR(Office Burundais des Recettes )yagenda rimwe rimwe aragabanuka bivanye numutekano warurangwa mu Burundi.

…………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira

Leave a Reply