Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Muntara ya Muyinga muri commune ya Butihinda ,imvura yagiye kuruyu wa gatatu itariki 4-munyonyo 2015 ,imvura y’urubura rw’inshi yasize abanyagihugu mumaganya n’umubabaro udasanzwe.

Iyi mbura ivanze n’urubura rw’inshi yaguye mumasaha y’umuhingamo ,ikaba yaguye hafi muri commune muri province nka yose ya Muyinga ariko icommune yasinzikajwe cane niyo mvura akaba ari butihinda

12184274_818915284921317_769195912399705959_o 11154986_818915194921326_3615792147771895429_o

Nkuko vy’iganwa na Buramatari w’intara ya Muyinga umupfasoni Manirabarusha Aline  yabimenyeshe ,iyo mvura ngo yononye cane ibintu bitari bike vyo ngaho muri commune Butihinda ,harimwo amazu menshi cane yabanyagihugu yasambutse hamwe n’imirima myishi yononwe bimwe bikomeye n’iyo mvura y’igihuhusi yarivanze n’urubura.

Manirabarusha Aline arongoye intara ya Muyinga akaba yateye akamo abo bose bafise ico bofasha ko bokwihutira gutabara imiryango yateshejwe izabo n’iyo mvura.

Tubibutse ko ibi bibaye inyuma y’imisi ibiri gusa ,iyindi mvura isinzikaje ibintu bitari bike muri commune ya Muhuta yo muri Bujumbura Rural.

11227414_818915324921313_1969198447545664100_o 12186854_818915258254653_3311988369514638720_o


Categories: Amakuru, Muhira

Leave a Reply