Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Pierre Claver Mbonimpa umukuru w’ishirahamwe riharanira agateka kazina muntu hamwe nak’abanyororo APRODH ,yaronkejwe agashimwe kadasanzwe na Alison Forges kubera ubwitange yagize mu kurwanira agateka kazina muntu hamwe nak’abanyororo mu Burundi.

cxfr8vfxaaarpie

Pierre Claver Mbonimpa mubirori vyo guhabwa ako gashimwe

Aka gashimwe ka ,Alison Forges  ,kakaba gasanzwe gatangwa uko umwaka uheze ,ndetse kakaba gahabwa abantu bitanze cane kurusha abandi kw’isi mubijanye no kurwanira agateka ka zina muntu mu bihugu vyabo.

Aha twobibutsa ko muruyu mwaka wa 2016,abashoboye gutahukana ako gashimwe ari 4 ,uhereye kuri Pierre Claver Mbonimpa w’uBurundi,Ratnaboli Ray wo mugihugu c’uBuhinde(Inde),Yonous Muhammadi wo muri Grèce na Kalpona Akter wo muri  Bangladesh.

2

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu kuri Facebook


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira

Leave a Reply