Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Musenyeri Justin Nzoyisaba arongoye umurwi ujwejwe ibiganiro yashikirije abazoja mubiganiro bizohuza uburundi.

Musenyeri  Justin Nzoyisaba, umukuru w’umurwi ujejwe gutunganya ibiganiro mu Burundi (CNDI) yavuye mugacerere yishura abahora bafise amakenga kubazoja mu biganiro bitunganijwe kumpande zose haba kuri reta y’uburundi hamwe n’abasanzwe batavuga rumwe nayo.

Mukiganiro Musenyeri  Justin Nzoyisaba yashikirije kuruyu wa kane itariki 3 kigarama 2015 ,bwana   Justin Nzoyisaba arongoye umurwi ujejwe ibiganiro kubarundi yamenyesheje ko abazoganira ari abarundi bose muri rusangi haba abasanzwe baba mugihugu  canke ababa hanze y’igihugu.

Mugihe benshi bafise amakenga kubarongozi ba CNARED ,isanzwe ariyo ivugwa cane ko itabonetse mubiganiro atagashoboka Musenyeri Justin Nzoyisaba yamenyesheje ko abagize CNARED ari abarundi ,kandi ko nabo bazotumirwa mubiganiro nkabandi barundi bose ariko atari nkumurwi wa CNARED kuko urwo runano rutazwi n’amategeko y’igihugu.

Umviriza hasi amajwi ya Musenyeri  Justin Nzoyisaba ngaha musi 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply