Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe amakungu abandanya yiyamiriza ubwicanyi bubera mu Burundi ndetse banasaba reta ya Petero Nkurunziza gutorera umuti w’ikibazo c’umutekano muke kirangwa mu Burundi na cane cane mu gisagara ca Bujumbura ,ibintu bibandanya vyibonekeza nuko  umutekano  kugaruka atari vuba kuko abantu babandanya bagandagugwa izuba riva.

Muri zone ya Musaga isanzwe iherereye mubumanuko bw’igisagara ca Bujumbura  ubwicanyi bwongeye kwaduka inyuma yigihe kitari gito hari harangwa agahengwe .

Nkuko amakuru ava muriyo zone nyene ya Musaga abimenyesha ,yemeza ko ,umwe mubanyagihugu yarazwi kw’izina rya  Nshimirimana Pascal yagandaguwe muraka gatondo ko kuw’Imana ndetse bikaba bivugwa ko yagandaguwe n’igipolisi.

Nshimirimana Pascal yagandaguwe kw'ifoto

Nshimirimana Pascal yagandaguwe kw’ifoto

Nshimirimana Pascal akaba yagandaguriwe kw’ibarabara rya gatatu(3) ryo ku musaga  aho beshi basanzwe bita kurya Prison .

Igipolisi c’uburundi kikaba kitaratangaza icinyegeje inyuma rigandagugwa ry’uyu musore na cane cane kwaribo bagirizwa kwaka ubuzima uyu musore Nshimirimana Pascal.

Tubibutse ko Nshimirimana Pascal,  yarasanzwe arumwe tmubaririmvyi bo mu murwi uririmba uzwi nka Club AMAGABA .

12466089_785790168199342_950160179926492565_o

Nshimirimana Pascal akimara kuraswa


Categories: Amakuru, Muhira

One Response so far.

  1. FDN says:

    ikibazo nibariza kombona ababibisha bose bafise imyambaro yigipolice ninde yababwiye ko aripolice yamwishe abarundi mureke kubesha nokuca mukomeza in kuru ukamenge ibintu vyayangaye

Leave a Reply