Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu gihugu ca Seribia habaye igitangaza canateye ubwoba abantu benshi cane aho uruzi rwari rusanzwe rutemba bisanzwe ndetse runatembana amazi asanzwe rwahinduka ,rugahindura ibara ryagwo ,hagaca hasigara haboneka ibara ry’amaraso.

Zimye mw’isanamu zerekanwe inyuma yaho urwo ruzi rutanguye guhindurira ibara arerekana neza ko muvykururi urwo ruzi rwahinduye ibara ndetse namazi yariko aratembamwo akaba yahinduye ibara azana ibara ryamaraso”The river of ‘blood’

Imwe mumasanamu yerekana urwo ruzi ruriko ruratemba

Imwe mumasanamu yerekana urwo ruzi ruriko ruratemba

 

Uru ruzi rwahinduye ibara rusanzwe ruzwi nka  Daldykan River rukaba rusanzwe ruherereye mu buraruko bw’igihugu ca Seribia.

Gusa inyuma yiri hinduka ry’uruzi uwujejwe gutangaza amakuru murico gihugu yaciye yihuta kumenyesha ko ivyabaye kurugwo ruzi vyatewe n’imwe mu miti basutse murugwo ruzi ivuye mwihinguriro risanzwe rihingura Nickel risanzwe rizwi nka  Nadezhda Metallurgical Plant.

Abantu rero bo murico gisagara bakaba bari batanguye kugira ubwoba kubera urwo ruzi ndetse bamwe bakaba bari batanguye kwibaza ko vyoba ari ivyago bishikiye igihugu cabo.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….

 


Leave a Reply