Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yigihe gito muganga Jean Minana aheruka kugenwa nabagize urunani CNARED kubarongora ,kuruhande rw’umugabwe aturukamwo hari abatanguye kumwiyamiriza bamwagiriza ko ivyo yakoze yabikoze atawe agishije Inama.

Ibi biri murwandiko rwasohowe n’uwujejwe akarangamutima mu mugabwe FRODEBU Nyakuri bwana David NIYONCUNGU,kubwa David NIYONCUNGU wewe yagiriza muganga Jean Minani ko ivyo yakoze vyose atanama n’ingingo yari babanje kubagisha.

David NIYONCUNGU arikumwe nabandi banwanyi ba FRODEBU nyakuri bagiriza Jean Minani kuba yaragiye murunani CNARED tanumwe abanje kugisha Inama ndetse bakongongera bakamwagirza kuba asanzwe atemera urwego rw’umukuru w’igihugu .

Mururu rwandiko nyene David NIYONCUNGU yabandanije yagiriza Jean Minani kuba ari mubateguye gutembagaza ubutegetsi kuwa 13 rusama 2015 kandi ngo NDADAYE Melchior yabarazeko bazoshikira ubutegetsi biciye mumatora .

Inyuma yibi vyagirizi vyose rero ,muganga Jean Minani akaba yaciwe ahabwa ikiringo c’imisi igera kuri 14 gusa yisigure kurizo ngingo zose yagiye arafata atawe agishije Inama.

Kurundi ruhande nubwo biruko mumugabwe sahwanya Frodebu Nyakuri bavugako bitangaje kandi ataco bimaze kuko NIYONCUNGU Davidi yahagaritswe n’umugabwe kuva itariki 27 kigarama 2015 ndetse akaba ari mubihano kubera amakosa yakoze ,NIYONCUNGU Davidi rero rwakaba ataburenganzira nabuto abifitiye ivyo yanditse ahubwo ngo kwari gushaka kuja hamwe n’abakeba ba sahwanya Frodebu Nyakuri kugira bayisambure.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply