Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Abantu batatu barimwo abigisha babiri n’umudandaza nibo bapfungiwe mugasho k’igipolisi muri commune Gihanga muntara ya Bubanza umwe yagirizwako yagurishije imfungugwa zitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu PAM abandi bagirizwako aribo babiguze.

Nakintije Thierry n’umwigisha asanzwe ari muri comité itunganya ivyimfungugwa zigenewe abanyeshuri zitangwa n’ishirahamwe mpuza makungu PAM.

Kwizera Médiatrice bakorana aho kwiryo shuri shingiro nyabwizabwampinga mu gisagara ca gatandatu muri commune gihangana yari yaguze kurizo mfungugwa hamwe n’umudandaza azwi kwizina rya Sarvator nibo bafungiwe mu gasho kinyamiramabi i gihanga kuva kumusi wa mbere.

Amakuru avaho mugisagara ca gatandatu avugako Nakintije Thierry yabisohoye abanje kumena igufuri abirekuriwe n’umuyobozi w’iryo shuri kuko uwuserukira abavyeyi atarihafi ngo mugusohora ivyo abanyeshuri bafunguye kuruwo musi yasohoranye nivyo vyagurishijwe.

Umuyobozi w’indero muri commune ya gihanga avugako i vyari vyibwe vyasubijwe mukigega c’ishuri navyo akaba ari imifuko 4 y’ifu, ibiro 50 vy’ibiharage hamwe nububido bubiri mw’amavuta yamakoto.
Nizigiyimana Ancille avugako abanyagihugu baribakwiye kumenyako izo mfungugwa bibujijwe kubigurishaTubibutseko vyanashitse mu gisagara ca 3 na 5 mumwaka ushize abari babinyuruje barafashwe ariko Ubu bakaba bararekuwe.


Categories: Amakuru, Muhira, umutekano

Leave a Reply