Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Idriss Deby,asanzwe ari mukuru w’igihugu ca Chad akongera akaba ariwe  aramutswa ubumwe bwa Africa muriki gihe yashigikiye mugenziwe w’igihugu c’uBurundi,ahoyemeje   ko ibiriko bishikira Petero Nkurunziza aramutswa uBurundi ko vyose biterwa nabamawe mubihanagange kw’isi harimwo nkabajejwe Inama iharanira umutekano kw’isi (Nations Unies),Reta zunze ubumwe bwa Amerika(USA) hamwe n’ibihugu bigize ubumwe bwa buraya muri rusangi.

Avugira kuri Micro y’ikinyamakuru ca mu Budagi gisanzwe kizwi nka DW ,Idriss Deby yamenyesheje ko ,ikiringo cagatatu ca Petero Nkurunziza cubahirije cane amategeko ndetse ko hamwe amakungu yari kureka kwita mukibazo c’uBurundi, uBurundi bwo nyene bwari kwikemurira ikibazo cabwo bushingiye kw’ibwirizwa nshingiro ryabo ndetse ko izi ngorane zose zirangwa mu Burundi iki gihe zitari gushika.

Umviriza mu majwi Idriss Deby umukuru w’igihugu ca Chad akongera akaba umukuru w’ubumwe bwa Africa muriki gihe.

.


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply