Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mw’iyindwi dusize inyuma umutekano warahungabanye mu gisagara ca Bujumbura no hagati mugihugu binatuma abantu bashika kuri  15 bahasiga ubuzima mugihe abandi bagera kuri 10 bakomeretse bikomeye.

Ku musi wa 1 w’indwi iheze ,imodoka yari itwaye intwazangabo y’ipeta rya  Général yacucagiweko amasasu ,ari navyo vyaje gutuma Général Kararuza Athanase n’umuryango wiwe bahasiga ubuzima hamwe n’umwe mubamucungerera ubuzima.

Ku musi wa gatatu igenekerezo rya 27 ndamukiza imodoka y’ishirahamwe OTB yariko irava mu gisagara ca Bujumbura igenda muri commune mugamba yararashwe hakomereka umu dereva wayo,kuruwo musi nyene grenade yaratewe i nyarunazi muri commune busoni mu ntara ya kirundo ica ikomeretsa abantu 3.
Mw’ijoro ryo kuwa kane igenekerezo rya 28  ndamukiza abantu indwi nibo baguye mu gitero cakozwe muri quartier gitaramuka muri zone ya musaga iri mugisagara ca Bujumbura uyundi umwe akaba yarakomeretse,ababateye bakaba babasanze aho bari bateramiye bariko barivuna akanyota.

Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 29 ndamukiza 2016,  hatowe ikiziga muri commune isare ku musozi karunga mu ntara ya Bujumbura.

Mw’ijoro ryo kuwa tandatu ,igenekerezo rya 30 ndamukiza, abantu bitwaye ibigwanisho barateye ku kirabo citwa king bar muri quartier ya kajiji iri muri zone kanyosha cahitanye abantu 2 abandi babiri barakomereka.
Mwiryo joro nyene hakaba haratewe grenade muri quartier ya bururi zone kinama,iyi Grenade ikaba yakomerekeje abana babiri ,mugihe mu  kirundo ahitwa kumurama umuntu umwe niwe yapfuye mu kirabo ahitwa kwa mvuyekure.

Mugitondo co kuruyu w’Imana igenekerezo rya 1 rusama   hatowe ikiziga c’umukenyezi muri quartier ya musaga ya 3 muri zone ya kanyosha.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Muhira, Politic, umutekano

Leave a Reply