Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma y’igihe kinini bivurwa ndetse bikaza kuvamwo ikibazo gikomeye hagati yibihugu vyose ,bikanatuma ivyo bihugu kwari bibiri bitangura kurabana ayingwe kubera kimwe cagiriza ikindi ko kibitse abashaka gutera iBurundi ariko kurundi ruhande uRwanda rukabitera ivyatsi rukanavuga kwataruhara narumwe rufise mumutekano muke urangwa muburundi ,imwe mumbonesha kure isanzwe iri muzikomeye kw’isi yaba Faransa(France )  yishikiye murico gihugu c’uRwanda kugira koko irabe ko ivyo uburundi buguma bwagiriza urwanda nimba bifise ishingiro.

Nkuko vyatangajwe n’umurwi warujejwe amatohoza murico gikorwa co gutohoza vy’ukuri ko igihugu c’uRwanda coba kiri muvyinyegeje inyuma y’umutekano muke urangwa mu Burundi ,uwo murwi washikirije icegeranyo aho wemeza neza ko hoba hari abasore bimenyerereza  mw’ikambi isanzwe irimwo impunzi z’abarundi iherereye ahitwa Muhama.

Inyuma yiryo tohozwa ryakozwe kuva mukwezi kwa 10 ,uwo murwi wasize ahabona ivyavuyemwo .

12108835_10203506488861905_9133213651458257068_n

Ayo matohoza nyene akaba yasohokanye n’amasanamu yerekana umwe mubasore aba muriyo kambi y’impunzi yemeza ko hari abasore bahora bimenyerereza muriyo kambi basanzwe babamwo.

 France 24 :Urwanda rwagirizwa kubika abateza umutekano muke muburundi:Vidoe 
Aya matohoza ya France24 akaba aje yiyongera kuyandi yari yakozwe n’imwe mumbonesha kure yo mubihugu vy’abarabu ariyo AL Jazeera ,ayo matohoza ya Al Jazeera akaba yagiye ahabona mukwezi kwa mukakaro ariko uRwanda  rukaba rwagumye rubitera ivyatsi ko atabantu nabamwe rufise mugihugu iwaco bateza umutekano muke iBurundi.Raba iyo Video  ngaha hasi

 

 

 

 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply