Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe intumwa zarungitse n’ishirahamwe rijejwe amahoro n’umutekano kw’isi  zarungitswe mu Burundi kuraba icokorwa kugira amahoro n’umutekano vyongere bisasagare igihugu cose ,abarundi batari bake  bagiye kw’ibarabara riva kukibuga c’indge ca Bujumbura gutegera abo bashitsi biteka uBurundi bugiye kwakira.

Mubisanzwe izi ntumwa za ONU zizoba zigizwe n’abashingantahe n’abapfasoni  bashika kuri 33  baje bavuye mubihugu bitandukanye vyo kw’isi .

Uru rugendo rw’izi ntumwa 33 za ONU bitegekanijwe ko ruzomara imisi ibiri aho bazoshobora kubonana n’abarongozi bu Burundi mukubasaba ko boja hamwe nabo basanzwe batavuga rumwe mu vya Politike kugira amahoro agaruke mu Burundi bwose.

Raba hasi amafoto y’aanyagihugu isinzi bari bagiye kubategera bitwaje ivyapa.

24

1


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply