Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kuruyu wa gatatu igenekerezo rya cumi na gatanu ruheshi, umwaka wa:2016, niho ikiringo catanzwe n’umukuru w’igihugu c’uburundi Pierre Nkurunziza co gusubiza ibigwanisho ku bagwanyi bo muri commune ya mugamba intara ya Bujumbura rural gihera.

Mu ntango za kuno kwezi kwa ruheshi, umukuru w’igihugu c’uburundi Pierre Nkurunziza akaba yari yatanze ikiringo kingana n’imisi cumi n’itanu kugira abagwanyi bo muri commune ya mugamba basubize ibigwanisho bafise, ico ikiringo akaba yagitanze mugihe abo bagwanyi bari bamaze amezi abiri bahungabanya umutekano mu gihugu, akaba yavuze ko mugihe ico kiringo yatanze cohera batarabisubiza ku neza ,ngo ubutegetsi bw’igihugu c’uburundi bazokoresha ibishoboka vyose harimwo no gukoresha inguvu kugira babibake.

Ubutegetsi bwa leta y’uburundi bukaba bushobora gutangura gukoresha inguvu ,kuruyu wa gatatu igenekerezo rya cumi na gatanu ruheshi ninarirya ariwo musi wa nyuma waho ico kiringo umukuru w’igihugu c’uburundi Pierre nkurunziza yatanze gihera.

Hakaba hari umunyagihugu wo muri commune mugamba intara ya Bujumbura rural ,avuga ko aba polisi batanguye kuhashika ku bwinshi , uwo munyagihugu akaba amenyesha ko imiyabaga yoba yaramaze guhunga iyo commune ya mugamba, ngo bakaba rero boba baratinye ko bohava bafatwa hama bagapfungwa n’abajejwe umutekano ,uwo mwikeko uvanze n’ubwoba akaba ariwo wabateye guhungu iyo commune .

Si ubwa mbere umukuru w’igihugu c’uburundi Pierre Nkurunziza atanga ikiringo murubwo buryo, ivyo bikaba vyarabaye mu kwezi kwa munyonyo umwaka wa 2015, mu gisagara ca Bujumbura imbere yuko hakogwa igikogwa co gusaka inzu kunzu , ubu rero kubera ko mwiyo commune ya mugamba indwi zibiri ziheze kandi bikaba bizwi ko ico kiringo yatanze giherana n’uno musi ,ubutegetsi burashobora gukoresha inguvu kugira babake ivyo bigwanisho.
Twobibutsa ko mu mugamba ari i commune yo muri Bujumbura rural yabayemwo imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu c’uburundi Pierre Nkurunziza, ikaba kandi idafise abanywanyi benshi b’umugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD ugereranije nahandi mu gihugu cose, mwiyo commune ya mugamba ikaba  yaranzwe n’umutekano muke muraya mezi abiri aheze ,ariko ubutegetsi bw’uburundi buvuga ko nubwo vyabaye ari iterabwoba atari umugwi w’abagwanyi n’ubwo bari bamaze amezi abiri bahungabanya umutekano.


Categories: Amakuru, Burundi, Politic

Leave a Reply