Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Umutekano waraye uhungabanye mu gisagara ca Bujumbura no hagati mugihugu nkuko  bivugwa  n’ icegera c’umuvugizi w’igipolisi  mububushikirangaji bw’umutekano

Moise Nkurunziza yamenyesheje ko mwijoro ryakeye ,umusirikare wo kugwego gwa colonel yitwa Emmanuel Buzubona yaraye yishwe n’abantu bataramenyekana arikumwe numu chauffeur wiwe,Moise Nkurunziza yabandanije amenyesha ko iki gitero cagabwe kuriyi ntazangabo y’uburundi mugihe c’isaha imwe n’iminota 50 niho yagwa mumutego wabantu muri quartier bukirasazi zone kinama baramurasa aragerageza kwigwanira ariko aruhira gupfa numu chauffeurs wiwe.Moise Nkurunziza akaba yamenyesheje ko izo nkozi zikibi zaciye zitangurwa kuronderwa uwo mwanya nyene ariko akaba atawo bari bwafate numwe murabo boba bakoze iryo bara.

No mubindi bice vya Bujumbura naho umutekano wahungabanye nkuko vyiganwe na  Moise Nkurunziza kuko yamenyesheje ko naho ,Umutekano wahungabanye hagati yanyakabiga na bwiza aho hatewe i grenade kwibarabara ryitwa jerere mugabo akaba atacononekaye kandi nizo nkozi zikibi zikaba zitamenyekanye.

Moise Nkurunziza icegera c'umuvugizi w'igipolisi

Moise Nkurunziza icegera c’umuvugizi w’igipolisi

Ahandi umutekano wahungabanye ni hagati mu gihugu  kumutumba kivumu commune ya mugamba muntara ya Bururi aho Isaha cumi nimwe zumuhingamo inkozi zikibi zambaye impuzu zisanzwe kandi zifise n’inkoho zaja mukabare kari kuruwo musozi bakanywa inzoga n’abanyagihugu ariko kubera ubuhinga bukoreshwa n’abajejwe umutekano bahavuye bamenyako arinkozi zikibi bagiye kuziraba zabakirije amasasu mubantu baraho mukabare hakomeretse 4 babiri muribo bakaba bahavuye bitaba Imana. Inzego z’umutekano ziriko zirakora zikurikirana iyo migwi igenda irarasa.

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………


Categories: Amakuru, umutekano

Leave a Reply