Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Michelle Obama ,Umukenyezi wa Barack Obama yiswe inguge n’uwundi mukenyezi yarasanzwe atwara igisagara co mu buseruko bw’intara ya Virginia.

Uyu mugore yubahutse kwita ,ukukenyezi w’umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika ,inguge yamenyekanye nka Pamela Ramsey Taylor ,akaba yashikirije aya amjambo acafuza umugore w’umukuru w’igihugu abicishije kurukuta rwiwe rwa Facebook aho yagira ati:“Ce sera rafraîchissant d’avoir une première Dame élégante, belle et digne à la Maison Blanche. Je suis fatigué de voir un singe en talons »

“Bizoba binezereye cane kubona umukenyezi w’umukuru w’igihugu agororotse kandi mwiza ndetse anabikwiriye muri Maison Blanche.Ndarambiwe no kuguma mbona inguge yambaye ikirato ca Talons”

Amajambo Pamela Ramsey Taylor yanditse kuri Facebook yiwe

Amajambo Pamela Ramsey Taylor yanditse kuri Facebook yiwe

Agiheza kuvuga aya majambo abicishije kuri Facebook yiwe abasanzwe bajejwe intara ya Virginia baciye bamuhagurukira bamusaba gutanga imihoho bitarenze amasaha 24 kubera yerekanye kwari umunyamacakubiri ashingiye kurukoba.

Michelle Obama

Michelle Obama

Tubibutse ko atari ubwambere uyu mukenyezi wa Barack Obama ahuye nibi bibazo vyo kwita inguge kuko no mu mezi atatu ari inyuma uwundi mugore yatwara ishure mu gisagara ca Navada nawe yamwise inguge ariko nawe bikaba vyamuviriyemwo kwirukanwa ku kazi .

Fyonda ngaha ugumane natwe kuri Facebook ugume uronka amakuru yacu.

.


Categories: Amakuru, Muhira, Mumakungu

Leave a Reply