Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Michel Nurweze batazira Rwembe  yigeze gupfungwa yagirizwa ubwicanyi ndengera butungane mu ntara ya Gitega yasubiriye gutabwa mumunyororo mu ntara ya Muyinga.

Nkuko amakuru ava ngaho mu Ntara ya muyinga abimenyesha ,Michel Nurweze yatawe mumunyororo inyuma yaho ashakiye kugandagurira umupolisi mugenziwe ,aho bari murimwe munzu y’ingenzi(Hotel )yo ngaho mu ntara ya Muyinga yitwa Benito,amakuru ava ngaho akaba yemeza ko Michel Nurweze yarashe uwo mugenziwe w’umupolisi ariko Imana irakinga ntiyitaba arakomereka gusa.

Michel Nurweze kw'ifoto yarengukijwe mu butungane mu mwaka wa 2013

Michel Nurweze kw’ifoto yarengukijwe mu butungane mu mwaka wa 2013

Inyuma yo gushaka kugandagura mugenziwe amurashe ,icariho c’umushikirizamanza co mu ntara ya Muyinga akaba yaciye asohora umutahe wo guhagarika Michel Nurweze (Rwembe ),Naho guhagarika Michel Nurweze vyari vyagoranye kubera yari yayugaraniye munzu yarimwo ,munyuma aba polisi baje kumuhagarika ndetse baca bamujana kw’ibohero aho yagiye kuba arapfungiwe.

Igipolisi mugihe cashikana Michel Nurweze kw'ibohero

Igipolisi mugihe cashikana Michel Nurweze kw’ibohero

Tubibutse ko mumwaka wa 2013 mu kwezi kwa rusama ,Michel Nurweze akaba yari yarigeze gutabwa mumvuto yagirizwa uguca umutwe w’umwenegihugu mu ntara yahora akoreramwo ya Gitega ,ariko mu nyuma akaba yahavuye apfungurwa ari nako guca ajanwa gukorera mu Ntara ya Muyinga.

……………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………….


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply