Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ikigo mpuzamakungu kijejwe impunzi kw’isi (Refugees International)catangaje ko abarundi bahungiye mugihugu c’uRwanda basanzwe bari mwikambi ya Muhama ,ko bariko barinzizwa mu gisirikare kunguvu .

Mucegeranyo iri shirahamwe casize ahabona cerekeye Impunzi z’abarundi zahungiye mu Rwanda,iri shirihamwe ryemeje ko imirwi y’abarwanyi baBarundi binziza kunguvu bamwe mu mpunzi ,mugisoda cabo harimwo n’abana bakiri bato.

Iri shirahamwe  rikaba ryabandanije rimenyesha ko abanka kw’injira murico gisoda kunguvu ko baca bahohotegwa ,bagakubagugwa n’abo basirikare baba bashaka kubinziza kunguvu.

Inyuma yico cegeranyo ciryo shirahamwe ,umunyamerika  asazwe akorera iryo shirahamwe bwana ,Michael Boyce asanzwe arumwe mubahinga  bakorera iri shirahamwe mpuza makungu yamenyesheje ko imyimenyerezo ya Gisirikare yabo barwanyi isanzwe ibera mw’ishamba rya Nyungwe ,iryo naryo rikaba risanzwe ari ishamba c’imeza c’igihugu c’uRwanda.

1

Nkuko vyabandanije bitangazwa na Michel Boyce akorera iryo shirahamwe ,yamenyesheje ko abarundi barenga 30 bafatiwe mugihugu ca Repuburika iharanira Intwaro rusangi ya Congo ,ko bemeje ko binjiriye mw’ikambi y’impunzi hama bakaza guhambwa imyimenyerezo ya gisirikare mubice vy’uburengero bw’uRwanda ,ndetse bakaba batwawe n’imodoka y’igisirikare c’uRwanda.

Ibi bwana Michel Boyce akaba yabitangaje abicishije kurubuga rwiwe ngurukana Bumenyi bwa Twitter.

2

Soma musi icegeranyo ca Refugees International yasohoye kuruyu wa mbere itariki 14 kigarama 2015

http://static1.squarespace.com/static/506c8ea1e4b01d9450dd53f5/t/566b3f97c647adfeee2374e5/1449869207555/20151214+Rwanda.pdf

Iki cegeranyo c’iri shirahamwe mpuza makungu kije kigira gatatu inyuma y’icegeranyo c’ikinyamakuru France 24 gisanzwe gikorera mugihugu c’uBufaransa hamwe n’icegeranyo c’ikinyamakuru ca Aljazeera .

Mukwezi kwa mukakaro itariki 24 umwaka 2015  imbonesha kure Aljazeera mucegeranyo yasohoye yemeje ko abarundi bari mumakambi y’impunzi bariko bajanwa mu mirwi yabarwanyi ariko igihugu c’uRwanda kikaba cabiteye ivyatsi.

Mukindi cegeranyo cakozwe n’iyindi mbonesha kure yo mu bufaransa ,mukwezi kwa Munyonyo cemeje kandi aya makuru yavuga ko impunzi zabarundi zahungiye mu makambi mu Rwanda ziriko zirinjizwa mu mirwi y’igisirikare.

Video ya France 24 ngaha musi 

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

One Response so far.

  1. Kabizi says:

    Murakoze, bandanya muturonderera amakuru mwongera muyatangaza. Ikibi kizoteba gitsinde iciza. Abo bazungu nabo babandanya babaha ibirwanisho hazogira igihe nabo bibarase

Leave a Reply