Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma  yaho Benjamin William Mkapa ,umuhuza mu matati y’uBurundi ,amenyeshereje ko abasanzwe bagirizwa ubwicanyi badakwiye kuja mu biganiro bihuza abarundi,bamwe mubanyepolitke harimwo n’abakozi b’Imana baserukira amashengero babandanya kwiyamiriza ico ciyumviro ca William Mkapa.

Kuruhande rwabaramutswa amashengero ,uwatanguye kwiyamiriza kumugaragaro iciyumviro ca Benjamin Mkapa ni Mgr Simon NTAMWANA,asanzwe asanzwe arongoye intara ya Gitega mw’shengero Katorika.

Mgr Simon NTAMWANA

Kubwa Mgr Simon NTAMWANA asanga atanumwe yarakwiye gukumirwa mu biganiro bihuza abarundi kuko haganira abasanzwe bacanyemwo ngo na cane cane  ko nabo bagirizwa ubwicanyi nabo yene ari abarundi kandi badakwiye gukumirwa.

Umviriza mumajwi Mgr Simon NTAMWANA ngaho musi

Fyonda ngaha ubandanye ukurikirana amakuru yacu kumwanya kuri Facebook

 


Categories: Amakuru, Burundi, Muhira, Politic

Leave a Reply