Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Burj khalifa ,inzu yambere kw’isi iteye igomye ,ikaba n’inzu yambere kw’isi iruta izindi zose kuva isi yabaho ndetse ikaba n’inzu yambere yubatswe n’ubuhinga butangaje hamwe n’aba Ingenieurs bakaruhariwe kw’isi.

Kubona iyi nzu iri kw’isi nikintu gisa naho gitangaje kuko nabayubatse batari bazi neza ko bashobora kwubaka inzu ndende ingana nkiyo bashitseko .

Burj khalifa kw'ifoto

Burj khalifa kw’ifoto

Abantu benshi bama bumva burj khalifa bakibaza ngo ninyubako isanzwe ariko muvyukuri n’inzu idasanzwe ,inzu ifise ubudasa budasanzwe inzu abahinga muvyo kubaka basanga ariyo yubatswe mubuhinga butangaje kuva isi yaremwa.

Burj khalifa ija kurabwa nabantu benshi bava mu mpande zine zisi

Burj khalifa ija kurabwa nabantu benshi bava mu mpande zine zisi

Mu kukumenyesha neza ubudasa bwa burj khalifa inzu yambere kw’isi mu bwiza no muburebure hari ibice 10 bidasnzwe twashatse kukubwira.

1:Burj khalifa yubatse mugihugu ca United Arab Emirates mu gisagara ca Dubai ku bwaguke bw’ikibanza bungana na 309,473 m2

2:Burj khalifa yatanguwe kwubakwa mu mwaka igenekerezo rya 6 nzero mu mwaka wa 2004 n’umuhinga muvyo kubaka w’umunyamerika akorera muri Los Angels azwi nk’izina rya Adrian Smith.

3:Burj khalifa niyo yabaye inyubako yambere yubatswe umwanya munini kw’isi kuko yafashe igihe c’imyaka 5 n’amezi 11 kugira ihere.

4:Burj khalifa niyo nzu yambere kw’isi ifise umushinge(Foundation )muremure kw’isi ,ibi vyaturutse kw’isi mbi y’umusenyi isanzwe irangwa mu gihugu ca United Arab Emirates ,vyabaye ngobwa ko abahinga bubatse iyinzu bashira umushinge wayo kumetero 50 uja mu kuzimu.

5:Burj khalifa ifise uburebure mu kuduga bungana n’imetero 828 nukuvuga ko iyi nzu iruta ibibuga umunani vy’umupira w’amaguru ufatiye kuburebure bwavyo kandi vyose hamwe biteranije ,ubwo burebure buyituma ica igira inzu ziyigeretseko zingana  163 uja hejuru mukirere

at-the-top

Burj khalifa kw’ifoto

6:Burj khalifa yubatse kumafaranga atamuntu numwe arayamenya ariko abahinga muvyo kwubaka bahora bemeza ko iyinzu yatwaye amafaranga anagana na 1.5 billion yamanyamerika ,nukuvuga amahera yababa   Budget y’uBurundi  y’imyaka  ibiri.

7:Burj khalifa niyonzu yambere kw’isi yose iremereye kuko iharugwa muburemere bwamatoni ibihumbi amajana atanu (500.000 Tonnes)

8:Burj khalifa niyo ifise elevator bakoresha mukuduga hejuru ifise ubunyarutsi bwambere kw’isi yose ,kuko ifise umuvuduko w’ibirometero 65 kw’isaha (65km /h)

Burj khalifa

Burj khalifa

9:Burj khalifa niyo nzu yambere ifise ubutambiro buri mukirere kurusha ubundi butambiro bwose bwo kw’isi kuko ubutambiro buri muri Burj khalifa buri kunyubakwa ya 144.

10:Burj khalifa  yonyene ikoresha umuyagankuba ungana na 39 MW nukuvuga ,ko umuyagankuba wose uva kurugomero rwa Rwegra hamwe n’urugomero rwa Mugere  bisanzwe biha umuyagankuba hafi uBrundi bwose butoshobora kwatsa amatara yose  agize inzu   Burj khalifa .

Fyonda ngaha ubandanye ukurikira amakuru yacu kuri Bishasha.com

.


Leave a Reply