Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugihe hari hamenyerewe umutekano muke  i Bujumbura gusa na cane cane muma quartier  canke ama zone yaranzwemwo ukwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza ariho hakunda kuvuga amasasu menshi hamwe n’amagrenade kurubu ako kabi kabishe  kamaze gutandukire zimwe muntara zo hagati mugihugu.

Muntara yo muburaruko bw’igihugu ihana urubibe n’igihugu c’uRwanda ,haraye hahatswe kurwa ibara aho umukuru w’iyo ntara yarusimbutse igihe yaraswa  amasasu menshi cane n’abantu bitwaje ibirwanisho ariko batamenyekanye.

Melchior Nankwahomba asanzwe arongoye intara ya Kirundo yarase arusimbutse ,arashwe n’abantu bitwaje ibirwanisho ,aba bari baje kugandagura Melchior Nankwahomba , bacucagiye amasasu kumodoka yiwe asanzwe agiramwo ,ariko bagasanga yamaze kuyivamwo.

Nkuko amakuru ava muriyo ntara yadushikiye abivuga ,abo bagizi ba nabi bateye igihe c’isaha z’ibiri zirengako iminota mike (20h25),abo bagizi banabi bakaba bari bakurikiye imodoka yuwo mukuru w’intara ya Kirundo gushika aho yaragiye kw’ivunira akanyota,iruhande y’ibanki BCB yo ngaho mu Kirundo.

Aba bagizi ba nabi ,bakaba bashitse ngaho iyo modoka ihagaze kuruhande impande ya BCB baca batangura kuyicucagirako amasasu ,ariko uwaronderwa akaba yari yamaze kuva muri yo modoka maze abona gukira uko.

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply