Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Inyuma yaho umushingwamanza w’umubirigi bwana Me Bernard Maingain ashirye ahabona amasanu (Video)vyagugwa ko yafatiwe mu Burundi mu Ntara ya Karusi ,mugikorwa  co kwica abarwanya ubutegetsi bwa Nkurunziza bikozwe n’imbonerakure ziri mumugabwe wa CNDD FDD uri kubutegetsi ndetse akaza kurungika nayo masanamu muri sentare mpuza makungu no mu kanama kajejwe umutekano kw’isi,Me Bernard Maingain yasohoye urwandiko rusigura ivyiyo sanamu(video)

Nkuko yabisiguye m’urwandiko yasize ahabona kuruyu wa gatanu itariki 15 nzero 2016 ,Me Bernard Maingain yamemyesheje ko inyuma yo kwihweza neza akongera bakumviriza ayo masanamu basanze muvukuri ayo masanamu ururimi ruvugwamwo atari ikirundi.

Me Bernard Maingain yabandanije asigura ko ayo masanamu yaretswe imbonerakure zo mumugabwe wa CNDD FDD kugira bahere ubwoba nabo baze barica abantu nkuko muriyo sanamu bariko barabikora.

Ariko ibi Me Bernard Maingain yashikirije binyuranye cane n’ivyo imboneshakure yo mugihugu c’uBufaransa yashikirije aho yemeje ko ayo masanamu yafatiwe mu Ntara ya Karusi inyuma y’imisi ibiri gusa (bisigura ko ayo masanamu yari yafashwe itariki 13 nzero 2016)

Inyuma yaya masanamu kimwe mubimenyesha makuru vyo mu Bufaransa caciye cihutira kubeshuza ivyaya makuru kinavuga ko habayeho ukwihenda kuko ayo masanamu atarayo mu Burundi ahubwo arayo mubihugu vyo mu buraruko bwa Africa.

Kurundi ruhande ,abasanzwe bajejwe ukumenyesha amakuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ,bamaze gusohora ugwandiko rumenyesha ko bagiye kwitwarira mu butungane Me Bernard Maingain hamwe niyi (mboneshakure) Television yerekanye aya masanamu.

Urwandiko rwa Me Bernard Maingain yasize ahabona

urwandiko rwa Me Bernard Maingain

urwandiko rwa Me Bernard Maingain

 


Categories: Amakuru, Muhira, Politic

Leave a Reply