Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Masterland ,azwi cane nk’umuhinyanyuzi w’indirimbo ariko akongera akaba n’umwe mubaririmvyi bo ngaha iwacu bavyifatamwo neza yashize mungiro isezerano yari yahaye abakunzi b’umuziki w’uBurundi hamwe n’abakunzi b’ibikorwa vyiwe.

Nkuko yaramaze igihe ivyemereye abanwanyi b’umuziki wiwe hamwe n’abakunzi b’ibikorwa vyiwe ,Masterland yari yamenyesheje ko  mumisi mike cane agiye gushira hanze  amajwi hamwe n’amasanu vy’indirimbo yiwe nshasha “Sinzohinduka”

Nkuko yari yabishikirije imvugo yajanye ningiro kuko inyuma yigihe gito cane amenyesheje ko iyi ndirimbo igiye gusohoka ,yamaze kuyishira hanze.

Raba hasi amasanamu y’indirimbo ya Masterland”Sinzohinduka”

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Categories: Amakuru, Umuziki

Leave a Reply