Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Musenyeri Mukuru Wa Diyosezi Anglicane Y’i Makamba Martin Blaise NYABOHO niwe agiye kurongora ishengero rya Anglicane mu Burundi bwose,

Musenyeri  Martin Blaise Nyaboho azoba akoreye mu ngata mugenziwe ,Musenyeri  Bernard NTAHOTURI yahora arongoye uwo muryango kuva mu mwaka wa 2005 gushika magingo aya.

Musenyeri Martin Blaise NYABOHO Afise Imyaka 61 y’amavuko,yakuriye mw’idini rya Anglican,Martin Blaise NYABOHO yabatijwe mu mwaka wa 1965,akomezwa mu mwaka wa 1969.

Mu mwaka 1985,yahawe amabanga y’budiyakoni murusengero ,inyuma y’imyaka 4 gusa yaciye agirwa umuvugabutumwa ( Umupasitori).

Mu mwaka wa 1997, niho Martin Blaise NYABOHO yatoregwa Kuba Musenyeri wa Diyosezi Y’iMakamba.

Martin Blaise Nyaboho Yize Amashure Ya Bibiriya iMweya anabandaniriza  ivyo vy’igwa vy’iyoboka Mana mugihugu ca  Kenya.

Inyuma yo kuva muri Kenya ,Martin Blaise NYABOHO yaciye aja mu bihugu bitandukanaye harimwo nka Amerika,Singapore gukurikirana  izindi nyigisho mubijanye n’ivyigwa nyoboka MANA .

Musenyeri Martin Blaise NYABOHO azwi cane mu mugambi wo kurwnya SIDA mu ntara ya Makamba ,akaba yararongoye n’umurwi ujejwe amatora CEPI mu ntara ya Makamba.

Martin Blaise NYABOHO asanzwe yubakanye na Emelienne bakaba bamaze kuvyarana abana bashika ku 8 ,muribo abakobwa bakaba ari 6 hamwe n’abahungu 2


Categories: Burundi, Gospel, Muhira

Leave a Reply