Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mugice ca mabanda mu ntara ya Makamba muri Commune Nyanza-Lac  ibintu vyahabereye vyatangaje atari bake inyuma yaho abakozi b’imana b’ishengoro pantikoti( Pentecôte)bafataniye mumashati bagatangura guterana ingumu ariko abapolisi barikumwe n’uwutwara iyo ntara baca baza gusukamwo mabisi ibara ritaragwa.

14712877_1717877321867793_3341798376614593290_o

Abantu bari batamariwe ari benshi nibiriko biraba

14753355_1717877375201121_1955709769836814043_o

Aba polisi barikumwe na Buramatari baje kubanguranya ibara ritaragwa

Aba bariko barashwamirana n’umukozi w’Imana asanzwe azwi nka Pasteur Seth hamwe n’uwundi asanzwe azwi nka Pasteur Emmanuel bose bo mwishegero Pentecôte ryo muri  Commune Nyanza-Lac mu ntara ya Makamba.

Aba bakozi b’Imana b’ishengero  Pentecôte bashatse gutana mu mitwe ejo kumusi w’Imana kumasaha y’umuhingamo ,aho bashwamiranye cane birakomera ndetse nabayoboke babo bakabafasha kuko bamwe baba bari kuruhande rushigikiye umwe abandi bari kurundi ruhande.

Naho ico aba bakozi b’Imana babiri boba bapfa kitaramenyekana neza ngo  aba babiri bari basanzwe batarabana ryiza ndetse batanemerana hagati yabo.

Kubwa buramatari w’intara ya Makamba ,bwana Gad NIYUKURI amenyesha ko ivyabaye ari ibiterasoni kubona abari bajejwe gutanga akarorero keza aribo bafatana mu mashati imbere yabanyagihugu.

 

 


Categories: Amakuru, Gospel, Muhira

Leave a Reply