Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Kuruyu wagatatu ,igenekerezo rya 23 munyonyo 2016,mu Ntara ya Makamba ibarizwa mu bumanuko bw’igihugu igiposi c’uBurundi cazindutse gifata ibikoresho vya gisirikare .

Nkuko vyatangajwe n’inzego z’igipolisi  zo mu Ntara ya Makamba  zemeje ayo makuru ko zazazindutse zisaka ibirwanisho mu bice vya Mabanda hamwe na Kibago bigize iyo ntara .

Igipolisi kikaba cahavuye cerekana bimwe mubirwanisho cafatiye murico gikorwa,aho cerekanye bimwe mubikoresho vya gisirikare cafatiye murico gikorwa.

Muvyo igipolisi cerekanye kumugarago ko cafatiye muriyo ntara ,harimwo ibikoresho vya gisirikare bigizwe n’impuzu z’igisirikare hamwe n’izigipolisi , imiti  ivura ababa bakomerekeye kurugamba ,hamwe n’ibirato vya gisirikare.

makamba-burundi

Bimwe muvyo igipolisi cerekanye ko cafashe

Fyonda ngaha ubandanye uronka amakuru yacu bitakugoye kuri facebook

.

 

 


Categories: Amakuru, Burundi, umutekano

Leave a Reply