Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Ingabo z’igihugu c’uBurundi ziherereye mu gihugu ca Somalia mu ntumbero yo kugarukana amahoro n’umutekano murico gihugu ca Somalia zagendewe n’umukuru w’ingabo mu ntumbero yo kubashimira kubwitange n’ubukerebutsi bakoresheje kugira bakure mu maboko igisagara ca EL Baraf  cari kimaze igihe kitari gito carigaruriwe n’umutwe w’abagwanyi babihevyi ba Al Shabab.

Maj. Gen. Mohammedesha Zeyinu asanzwe ari umukuru w’ingabo za AMISOM niwe yari aramutse agendera abasirikare babarundi bari muri secteur ya gatanu(5)barongowe na Col. Bibonimana Venant, kugira abashimire kubwitange n’ubukerebutsi bakoranye mukwigarurira igisagara ca EL Baraf cari gisanzwe kiri mumaboko ya Al Shabab.

Maj. Gen. Mohammedesha Zeyinu kw'ifoto

Maj. Gen. Mohammedesha Zeyinu kw’ifoto

Maj. Gen. Mohammedesha Zeyinu yashimye cane ubukerebutsi n’ishaka vyaranze abasirikare ba barundi kugira bashobore kwigarurira ico gisagara mu maboko ya AL Shabab ,yongera anabibutsa ko abasirikare ba AMISOM ari akarorero ndetse ko bategerezwa kubandanya bakora baja imbere kugira babashe gutsinda burundu umurwi w’abaihevyi ba AL Shabab.

Kubwa Col. Bibonimana Venat arongoye abasirikare bo muri Secteur ya gatanu yashimiye cane umukuru w’ingabo za AMISOM kubw’intege yaje kubatera inyuma yo kwigarurira iki gisagara ndetse anamenyesha ko igikorwa bakoze gihesha agaciro abasoda ba AMISOM hamwe n’igisirikare c’uBurundi muri Rusangi.

Uwujejwe gutangaza amakuru muri AMISOM bwana Lt. Col. Paul Njuguna yamenyesheje ko ivyakozwe n’ingabo z’uBurundi zifadikanije n’ingabo za Somalia arivyo gushima cane ndetse kurugamba rubandanya gushika bigaruriye uduce twoce twigaruriwe n’inyeshamba za Al Shabab  .

CcyZumFW8AAMNJc

Umwe mu basirikare b’uBrundi mugice ca El Baraf kimaze kwigarurirgwa n’ingabo za AMISOM

Tubibutse ko iki gisagara ca EL Baraf cagiye mu maboko y’ingabo za AMISOM kw’igenekerezo rya 26 ruhuhuma aho ingabo z’uburundi  ziri mw’ishirahamwe rijejwe kgarukana amahoro n’umutekano muri Somalia  AMISOM (African Union Mission in Somalia)zifadikanije n’ingabo z’igihugu ca Somalia SNA(somalia National Army)zakura mu maboko y’umutwe witwaje ibigwanisho Al Shabab igisagara ca EL Baraf .

………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………………..


Leave a Reply