Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Lydia Nsekera umukenyezi w’umurundikazi ,umwe rudende kw’isi yose asanzwe abarizwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru kw’isi ,yatanguje urugamba rwo guhimiriza igitsina gore(abigeme)kwijukira gukina umupira w’amaguru .

Inyuma yo gushingwa amabanga adasanzwe mu mwaka wa 2014 yo kuba umukuru wa komisiyo(commission )”Fammes dans le sport”,Lydia Nsekera yatanguje urugamba rwo guhamagarira no gukundisha abigeme bo kumugabe wa Africa umupira w’amaguru.

Nkuko vyama bikorwa uko umwaka uheze,Igenekerezo rya 24 nzero  wama ari umusi mukuru mpuzamakungu wahariwe umupira w’amaguru  kugitsina gore ,kuruwo musi ,Lydia Nsekera yongeye kwibutsa abakobwa bose bo kumugabane wa Africa ko bakwiye kwijukira gukina umupira w’amaguru bari  kuko biri muri bimwe vyotuma batera imbere ndetse bikanatuma bagira amagara meza.

Lydia Nsekera yanasavye abahungu kuza bagerageza bagafasha bashiki babo ,bakongera bakabakundisha umupira w’amaguru kuko uri muvyotuma bashobora guteza imbere ibihugu vyabo no guhesha isura nziza ibihugu vyabo.

Tubibutse ko Lydia Nsekera ariwe yabaye umukenyezi w’ambere kw’isi yose yatowe akaja mu bakuru b’ishirahamwe FIFA ndetse akaba yagiye murayo mabanga mugihe yaramaze igihe kigera imyaka icenda atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi.


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply