Bishasha.com

Dutanga Amakuru atosoye kandi yakozweko amatohoza yo mumizi

Mu rukino rwo kuruyu wagatanu rwahuza umurwi wa Chelsea hamwe na Liverpool muri championa ya Premier Legue mu gihugu c’ubwongereza ,umugwi wa Liverpool wongeye gutsindira Chelsea  imbere yabakunzi bayo ,kukibuga cayo ca stamford Bridge.

Uru rukino rwari rwitabwe nabantu benshi cane baharurigwa mubihumbi 41514 ,rwataguye ubona neza ko umurwi wa Liverpool kushaka gutahukana amanota 3 naho Chelsea yari imbere yabakunzi bayo.

Uru rukino rwaje gukomerera murwi wa Chelsea cane mugice cambere kuko umurwi wa Liverpool wabandanya ubasatira cane ndetse bikaba vyanatumye uyu murwi uca uronka igitsindo cawo cambere kumunota wa 16 w’urukino cinjijwe n’umukinyi w’inyuma wa Liverpool ariwe  Lovren.

Liverpool yabandanije isatira cane umurwi wa Chelsea ari naho kumunota wa 36,umurwi wa Liverpool wabonye ikindi gitsindo cawe cakabiri kumupira ukomeye cane warutewe na kizigenza wa Liverpool ,Jordan Henderson bica bituma igice cambere gihera kuri 2 vya Liverpool .

Mugice ca Kabiri c’urukino umurwi wa Chelsea waje wazikenyeye ubona nawo ushaka kwadaka cane umurwi wa Liverpool kugira barabe ko bokwishura ivyo bitsindo ariko biba ivyubusa kuko urukino rwaheze kutsinzi y’ibitsindo 2 kuri kimwe rudende ca Chelsea cinjijwe na Diego Costa kumunota wa 62 w’urukino.

Ibi rero bikaba vyaciye bituma umurwi wa Chelsea uja mukibanza c’agatatu n’amanota 10 mu nkino 5 umaze gukina mugihe umurwi wa Liverpool nawe uri mukibanza ca 4 n’amanota 10 munkino 5 umaze gukina

gw6ennq

okku5vc

kc2qqhr

rlrmna2

pspmoic


Categories: Amakuru, Inkino, Muhira

Leave a Reply